Primus League: Musongati FC yatakaje ikibanza ca mbere, Flambeau Du Centre mu kibanza ca mbere ivyagateganyo.

Umurwi wa Kayanza United muhira ku kibuga Gatwaro bahatsindiye umurwi wa Musongati FC igitsindo  (1-0), biciye bituma uyo murwi w’i Gitega wari waraye  mukibanza ca mbere mu ndwi ya 25 ugitakaza. Vital’O FC wanganije (1-1) na Messager Ngozi FC ku kibuga Intwari. Flambeau Du Centre yagiye gutsindira umurwi wa Les Eléphants FC  (1-3) ku kibuga Urunani, biciye bituma uyo murwi usubira mukibanza ca mbere ivya gateganyo mu kurindira ko umurwi wa Rukinzo FC nawo ukina urukino rwayo rw’indwi ya 26 uzotana mu mitwe n’umurwi wa Bumamuru FC ku kibuga Urunani. Inkino zitanu z’indwi ya  26 z’ihiganwa rya Primus League nizo zakinywe uno munsi wa gatanu, mu kurindira ko izindi nkino zitatu zizokinwa ejo ku wa gatandatu.

Umurwi wa Vital’O FC kuri Stade intwari i Bujumbura. Ifoto ya FFB.

Uku niko izo nkino zitanu zakinywe uno munsi zagenze.

Vital’O FC 1-1 Messager Ngozi FC

Les Eléphants FC 1-3  Flambeau Du Centre.

Kayanza United 1-0 Musongati FC.

Olympic Star 2-1 Muzinga FC

Royal FC 1-0 BS Dynamic.

Inkino zitatu zizokinwa ejo ku wa gatandatu igenekerezo rya 17.04.2021:

15h00: Stade Urunani: Bumamuru FC vs Rukinzo FC

15h00 Stade Pierre Nkurunziza Peace Park Complexe: Aigle Noir CS vs Inter Star

15h00 Stade Intwari: Athletico Academy vs Bujumbura City.

Umurwi wa Messager Ngozi FC kuri Stade Intwari i Bujumbura. Ifoto ya FFB.

Urutonde rw’imfata kibanza rw’ukungene imirwi isumbana amanota indwi ya 26:

  1. Flambeau Du Centre 48pts (+17)
  2. Messager Ngozi FC 47pts  (+13)
  3. Musongati FC 46pts (+17)
  4. Rukinzo FC 46pts (+12) (-1match)
  5. Kayanza United 46pts (+7)
  6. Aigle Noir CS 40pts (+10) (-1match)
  7. Olympic Star 39pts (+6)
  8. Vital’O FC 38pts (+1)
  9. Royal FC 37pts (+4)
  10. BS Dynamic 32pts (-6)
  11. Atletico Academy 31pts (-6) (-1match)
  12. Buja City 30pts (-5) (-1match)
  13. Inter Star 28pts (-7) (-1match)
  14. Bumamuru FC 26pts (-13) (-1match)
  15. Les Eléphants FC 24pts (-16)
  16. Muzinga FC 10pts (-30)
  • 7
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    7
    Shares
  •  
    7
    Shares
  • 7
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Coupe du Président: Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC vyagenze neza mu nkino za mbere.

Imirwi ya Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC yavyifashemwo neza mu …

- Sponsored Advertisement -