Ligue B: Ni uyuhe murwi hagati ya New Oil FC na Les Crocos FC ugiye guherekeza Top Junior na Flambeau De L’Est muri Primus League?

Umurwi wa New Oil FC wo mu ntara ya Muyinga uzokwakira umurwi wa Les Crocos FC wo mu ntara ya Rumonge mu rukino rwa mbere rw’ijonjora (Match de barrage) rwo kurondera itike yo kuduga mu cicaro ca mbere Primus League Burundi, kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 18.04.2021 igihe c’isaha icenda (15h00) amasaha yo mu Burundi, ku kibuga Umuco kiri mu ntara ya Muyinga. Urukino rwo gusubiza ruzohuza iyo mirwi ruzobera ku kibuga Intwari mu gisagara ca Bujumbura igenekerezo rya 24.04.2021 igihe c’isaha icenda nyene. Impamvu Les Crocos FC izo kwakirira ku kibuga Intwari atari ku kibuga Ivyizigiro aho bari basansanzwe bakirira inkino zabo, niko uburongozi bwuwo murwi bwavyipfuje.

Umurwi wa New Oil FC ku kibuga Umuco i Muyinga.

Kugira ngo iyo mirwi yisange murukino rw’ijonjora nuko yarangije ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri (Ligue B) iri mu bibanza vya kabiri mu matsinda yaririmwo. Ni mugihe imirwi ya Top Junior wo mu ntara ya Kayanza warangije uri mu kibanza ca mbere mw’itsinda rya kabiri (Poule B) hamwe n’umurwi wa Flambeau De L’Est wo mu ntara ya Ruyigi warangije uri mu kibanza ca mbere muri (poule A), ariyo imaze kumenyekana icese ko yaduze mu cicaro ca mbere (Primus League) ivuye mu ca kabiri (Ligue B).

Umurwi wa Les Crocos FC wo mu ntara ya Rumonge, ku kibuga Ivyizigiro.

Imirwi itatu yo muri Ligue B niyo iduga muri Primus League, iyindi itatu yo muri Primus League niyo ikoroka ija mu Ligue B.

  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Coupe du Président: Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC vyagenze neza mu nkino za mbere.

Imirwi ya Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC yavyifashemwo neza mu …

- Sponsored Advertisement -