Ligue B : Les Crocos FC umaze gushinga ukuguru kumwe muri Primus League.

Mu rukino rwa mbere rw’ijonjora rwo kurondera kuduga mucicaro ca mbere Primus League rwabereye i Muyinga ku kibuga Umuco, umurwi wa New Oil FC watsindiwe muhira mu rukino wari  wakiriye umurwi wa Les Crocos FC wo muntara ya Rumonge, igitsindo (0-1). Umurwi wa Les Crocos FC umaze gushinga ukuguru kumwe mw’ihiganwa ryo mucicaro ca mbere Primus League, mu kurindira ko urukino rwo gusubiza rutegekanijwe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 ndamukiza 2021 ruzobera  ku kibuga Intwari igihe c’isaha 15h00 ruba.

Muri urwo rukino rwo gusubiza, uyo murwi umenyerezwa na Gustave Niyonkuru (Les Crocos FC) wipfuza kuganya canke gutsinda kugira ngo ugaruke mucicaro ca mbere, mugihe umurwi wa New Oil FC umenyerezwa na Nahimana Hussein « Welo », usabwa gutsinda (2-0, 2-1, 3-1, 3-2) kugira ngo nawo uduge mu cicaro ca mbere. Mugihe wotsinda (1-0) baca bikora kuri penalty kuko bazoba banganije (1-1).

Mwokwibuka ko imirwi ya Top Junior wo mu ntara ya Kayanza na Flambeau De l’Est wo mu ntara ya Ruyigi ariyo imaze kumenyekana icese ko mu mwaka uza w’inkino izokina icicaro ca mbere.

  • 3
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    3
    Shares
  •  
    3
    Shares
  • 3
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Primus League: Musongati FC, Flambeau Du Centre, Athletico New Oil Academy, Vital’O FC… ntivyagenze neza.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira kane kuva kuri uyu …

- Sponsored Advertisement -