Europe: Amakuru avurwa kuri Julian Nagelsemann, Keylor Navas na Eric Bailly.

Julian Nagelsemann niwe azomenyereza umurwi wa Bayern Munich mu mwaka uza w’inkino wa 2021-2022. Uyo mumenyereza wa Leipzig yasinye amasezerano y’imyaka itanu muri uyo murwi. Bivurwa ko Bayern Munich yoba yarishe imiriyoni 25M€ kuri uyo mumenyereza w’imyaka 33 y’amavuko, kuko yarasazwe afise amasezerano n’umurwi wiwe w’ubu wa Leipzig gushika 2023. Ni mugihe umumenyereza w’ubu wa Bayern Munich, Hans-Dieter Flick  aherutse ku menyesha ko atazobandanya amenyereza uyo murwi. Nawe bikaba bivurwa yuko ashobora guhabwa amabanga yo kumenyereza umurwi nserukiragihugu w’Ubudagi inyuma y’igikombe ca Euro.

Julian Nagelsemann

Keylor Navas yongereje amasezerano  yo kubandanya akinira umurwi wa PSG. Uyo munyegori wa kera wa Real Madrid yasinye amasezerano na Paris Saint Germain gushika 2024.

Keylor Navas.

Eric Bailly nawe yongereje amasezerano mu murwi wa Manchester United. Uyo mukinyi w’inyuma yamuka muri Cote d’Ivoire yasinye amasezerano azomushikana mu mwaka wa 2024 na The Red Devils.

  • 5
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    5
    Shares
  •  
    5
    Shares
  • 5
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Primus League: Musongati FC, Flambeau Du Centre, Athletico New Oil Academy, Vital’O FC… ntivyagenze neza.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira kane kuva kuri uyu …

- Sponsored Advertisement -