Basketball: Kern yatahukanye igikombe ca playoffs utsinze Dynamo.

Umurwi wa Kern BBC uherutse gutahukana ihiganwa ry’igikombe c’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mugisagara ca Bujumbura ACBAB, waraye wiyongeye ikindi gikombe ca ACBAB Playoffs utsinze umurwi wa Dynamo BBC intsinzi zitatu kuri imwe.

Umurwi wa Kern BBC wigina intsinzi. Ifoto ya Akeza.Net

Intsinzi zitatu mu nkino zitanu nizo zasabwa kugira ngo umwe muriyo mirwi uko ar’ibiri (Kern na Dynamo) utahukane ico gikombe ca ACBAB Playoffs, Dynamo BBC niwo watanguye gutsinda Kern mu rukino rwa mbere amanota (80-61). Izindi nkino zitatu zakurikiye Dynamo BBC ntiyasubiriye kuronka intsinzi. Murukino rwa kabiri Kern waciye wivyukiranya uraronka intsinzi y’amanota (57-48). Murukino rwa gatatu Kern yongera irarustinda ku manota (63-58). Urwaraye rubaye rwari urukino rugira kane rwizo nkino za ACBAB Playoffs, Kern BBC iraye itsinze Dynamo BBC amanota (75-64).

Umurwi wa Kern BBC ukaba utahukanye igikombe cayo kigira kabiri muri uno mwaka w’inkino.

  • 127
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    127
    Shares
  •  
    127
    Shares
  • 127
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Primus League: Musongati FC, Flambeau Du Centre, Athletico New Oil Academy, Vital’O FC… ntivyagenze neza.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira kane kuva kuri uyu …

- Sponsored Advertisement -