Coupe du Président: Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC vyagenze neza mu nkino za mbere.

Imirwi ya Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC yavyifashemwo neza mu nkino za mbere z’igice ca kane gishira icanyuma mu nkino z’igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu,  mu kurindira inkino zogusubiza.

Kuri uyu wa gatatu  igenekerezo rya 05.05.2021, hakinywe urukino rumwe gusa; Flambeau Du Centre yanyagiye umurwi basangiye intara ya Gitega  Garage Express ibitsindo  (4-0).

Kuri uyu wa kabiri  igenekerezo rya 04.05.2021:

Umurwi wa Vital’O FC wari wakiriye umurwi wa Royal FC ku kibuga Intwari, waratsinze  igitsindo (1-0).

Bumamuru FC muhira ku kibuga Urunani wahatsindiye Messenger Ngozi FC ibitsindo  (3-1).

Musongati FC usanzwe ufise ico gikombe, waratsinze umurwi wa Olympic Star ibitsindo  (2-0) ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega.

Inkino zo gusubiza ni mu mpera zino ndwi ku magenekerezo ya 8-9 rusama 2021.

  • 140
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    140
    Shares
  •  
    140
    Shares
  • 140
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Primus League: Musongati FC, Flambeau Du Centre, Athletico New Oil Academy, Vital’O FC… ntivyagenze neza.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira kane kuva kuri uyu …

- Sponsored Advertisement -