Mu rukino rwiwe rwa mbere rw’ihiganwa rikuru ryo mugihugu c’Urwanda, Etienne Ndayiragije umumenyereza w’Umurundi amenyereza umurwi wa Kiyovu Sports atanguye atsindwa n’umurwi wa Gasogi United ukinamwo Iddy Museremu, ibitsindo (2-1) murukino ruhejeje gukinwa rw’indwi ya gatatu ya Rwanda Premier League.
Uyo mumenyereza wa kera w’ivyimfata kibanza mu murwi nserukiragihugu wa Tanzania, mu minsi iheze niho yahawe akazi muri uyo murwi, ubu uri mu kibanza ca nyuma.
Kiyovu Sports umaze gukina inkino zitatu ukaba ufise amanota atatu. Uri mw’itsinda rya kabiri (Group B) riyobowe ivyimfata kibanza n’umurwi wa :
- Rutsiro FC 4pts (+1) inkino 2
- Gasogi United 4pts (0) inkino 3
- Royon Sports 3pts (0) inkino 2
- Kiyovu Sports 3pts (-1) inkino 3
Twobamenyesha yuko kuruhande rwa Kiyovu Sports abakinyi babiri bamuka mugihugu c’Uburundi, Bigirimana Abedi na Ngando Omar batanguye.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.