Rwanda Premier League: Tshabalala arahumye mu Rwanda.

Umusatirizi w’Umurundi akinira umurwi wa AS Kigali, Hussein Shaban batazira « Tshabalala » arahumye mw’ihiganwa rya Rwanda Premier League. Tshabalala kuri uyu wa gatanu yaraye afashije umurwi wiwe wa AS Kigali gutsinda umurwi wa Etincelles FC ibitsindo (2-1) mw’ihiganwa rikuru ryo murico gihugu. Ivyo bitsindo bibiri batsinze Etincelles FC, Tshabalala niwe yavyinjije. N’ibitsindo yinjije ku munota wa 26′ nuwa 30′.

Hussein Shaban « Tshabalala »

Ubu tuvugana uyo musatirizi wa kera wa Vital’O FC afise ibitsindo bitanu mu nkino zitatu amaze gukinira AS Kigali canke Abanyamuji. Niwe musatirizi wa mbere amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi muriryo higanwa, akurikirwa n’umusatirizi w’umurwi wa Espoir FC, umunyaGhana Sadiki Soule afise ibitsindo bitatu.

Mw’itsinda rya gatatu (Group C)  AS Kigali, uri mukibanza ca mbere n’amanota 9, Police mu kibanza ca kabiri n’amanota 6, Musanze FC mu kibanza ca gatatu n’amanota atatu, Etincelles FC uri mu kibanza ca nyuma ata nota uraronka.

Mwokwibuka ko ihiganwa ryo mu Rwanda ry’uno mwaka w’inkino wa 2020-2021 rikinwa mu matsinda 4 agizwe n’imirwi 4 buri itsinda.

  • 171
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    171
    Shares
  •  
    171
    Shares
  • 171
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Primus League: Musongati FC, Flambeau Du Centre, Athletico New Oil Academy, Vital’O FC… ntivyagenze neza.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira kane kuva kuri uyu …

- Sponsored Advertisement -