Umukuru w’Igihugu ca Uganda, Yoweri Musaveni yagabiye Denis Onyango umuduga wo mubwoko bwa Sports Pajero nk’agashimwe bivanye n’akazi kiwe keza cane yakoreye umurwi nserukiragihugu wa Uganda « The Cranes » ko kuwusamira ikiringo c’imyaka 16.
Uwo yahoze ari kizigenza wa Uganda Cranes, aherutse kumenyesha ko ahagaritse ivyo gukinira umurwi nserukiragihugu wa Uganda, hari kw’igenekerezo rya 12.04.2021.
Denis Onyango yarafashije Imisambi kwitabira incuro zibiri inkino z’igikombe ca Afrika CAN 2017 na CAN 2019. Hambavu y’umurwi nserukiragihugu, amaze gufasha umurwi wiwe wa Mamelodi Sundowns gutahukana igikombe ca CAF Champions League hari mu mwaka w’inkino wa 2015-2016. Ni murico gihe nyene yatowe nk’umukinyi yigenjeje neza gusumba abandi ku bakinyi basanzwe bakina ku mugabane w’Afrika.

Denis Onyango yavutse igenekerezo rya 15.05.1985 yavukiye mugihugu ca Uganda mugisagara ca Kampala. Ubu vuba azokwiza imyaka 36 y’amavuko. Akaba abarizwa mu murwi wa Mamelodi Sundowns wo muri Afrika y’epfo.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.