Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu : Hazoca uwambaye hagati ya Musongati FC na Flambeau Du Centre.

Uko imirwi izohura mugice ca kabiri gishira icanyuma mugikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu imaze kumenyekana, igisigaye nuko tumenya umurwi uzotangura kwakira uwundi hamwe n’igenekerezo izo nkino zizoberako.

Umurwi wa Musongati FC uzotana mu mitwe n’umurwi wa Flambeau Du Centre basangiye intara ya Gitega.

Vital’O FC  uzotana mu mitwe n’umurwi wa Bumamuru FC.

Umurwi wa Musongati FC usanzwe ufise ico gikombe uherutse gusezereza umurwi wa Olympic Star mu kuwutsinda incuro zibiri, urukino rwa mbere nurwo gusubiza :

Musongati FC 2-0 Olympic Star (urukino rwa mbere).

Olympic Star 0-1 Musongati FC (urukino rwogusubiza).

Umurwi wa Musongati FC

Ni mugihe umurwi wa Flambeau Du Centre uherutse nawo gusezerera umurwi wa Garage Express wo mucicaro ca kabiri mu kuwutsinda incuro zibiri.

Garage Express 0-4 Flambeau Du Centre (urukino rwa mbere).

Flambeau Du Centre 1-0 Garage Express (urukino rwogusubiza).

Umurwi wa Flambeau Du Centre.

Umurwi wa Vital’O FC w’i Bujumbura uherutse gusezerera umurwi wa Royal FC wo mu ntara ya Muramvya mu kuwutsinda incuro zibiri.

Vital’O FC  1-0  Royal FC (urukino rwa mbere).

Royal FC 1-2  Vital’O FC  (urukino rwogusubiza).

Umurwi wa Vital’O FC.

Umurwi wa Bumamuru wo mu ntara ya Cibitoke wasezereye umurwi wa Messager Ngozi FC.

Bumamuru FC  3-1  Messager Ngozi FC (urukino rwa mbere).

Messager Ngozi FC  1-0  Bumamuru FC  (urukino rwogusubiza).

Umurwi wa Bumamuru FC.

Tubibutse yuko umurwi utahukanye ico gikombe ariwo userukira Uburundi muri coupe de la conféderation ku mugabane w’Afrika.

  • 16
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    16
    Shares
  •  
    16
    Shares
  • 16
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Primus League: Musongati FC, Flambeau Du Centre, Athletico New Oil Academy, Vital’O FC… ntivyagenze neza.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira kane kuva kuri uyu …

- Sponsored Advertisement -