Inyuma yo gutsindirwa muhira n’umurwi wa Gorilla FC ibitsindo (1-2) hari kw’igenekerezo rya 11 rusama uyu mwaka, umurwi wa AS Muhanga bukeye bwaho, waciye ufata ingingo yo gutandukanya n’umumenyereza wayo yamuka i Burundi, Ismail Jean Marie Nduwantare.
Icatumye uyo murwi ufata iyo ngingo, nuko uyo murwi utararonka inota narimwe mu nkino zitatu umaze gukina mw’ihiganwa ryo mucicaro ca mbere mu Rwanda rikinwa mu matsinda 4 agizwe n’imirwi 4 buri itsinda.
Uyo mumenyereza wa kera wa Kayanza United, yatsinzwe n’umurwi wa Gorilla FC incuro zibiri (1-2, 2-1) yongera atsindwa n’umurwi wa APR ibitsindo (3-1).
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.