Inyuma yo gutsindirwa muhira ku kibuga Ingoma igitsindo (0-1) n’umurwi wa BS Dynamik, Musongati FC ntishobora gutahukana igikombe c’uno mwaka ca Primus League Burundi. Ivyayo birarangiriye aho.
Naho imirwi nka: Kayanza United ifise amanota 52, Flambeau Du Centre na Messager Ngozi FC ifise amanota 51 itarakina yoramuka itsinzwe, Musongati FC ntishobora kuyihamvya naho yotsinda urukino rwayo rwa nyuma rusigaye. Ubu tuvugana, Musongati FC ifise amanota 47 uri mukibanza ca gatanu. Ushobora no ku kivamwo mugihe umurwi wa Rukinzo FC binganya amanota woramuka utsinze umurwi wa Flambeau Du Centre.
Uyo murwi ukunzwe cane mu ntara ya Gitega ukaba usigaranye amahirwe mugikombe citiriwe umukuru w’Igihugu aho ugeze mugice ca kabiri gishira icanyuma bazotana mu mitwe n’umurwi wa Flambeau Du Centre.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.