Imirwi ya Vital’O FC na Flambeau Du Centre imaze guhonyoza ukuguru kumwe murukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu inyuma yo kwigenza neza mu nkino za mbere zico gikombe.
Murukino rwa mbere rwabereye ku kibuga Intwari hari kuri uyu wa gatatu, Vital’O FC waravyifashemwo neza mugutsinda umurwi wa Bumamuru FC ibitsindo (2-1). Urukino rwo gusubiza, rutegekanijwe kuri uyu w’Imana igihe c’isaha icenda z’umuhingamo mu ntara ya Cibitoke ku kibuga Urunani.
Ni mugihe umurwi wa Flambeau Du Centre kuruhande rwayo watsinze umukeba wabo Musongati FC igitsindo (1-0). Mu rukino rwo gusubiza, Musanagti FC ari nawo uramutswa ico gikombe bazokwakira kuri uyu w’Imana nyene igihe c’isaha icenda z’umuhingamo umurwi wa Flambeau Du Centre ku kibuga Ingoma ni mu ntara ya Gitega.
Mwokwibuka ko umurwi utahukanye ico gikombe ariwo userukira Uburundi mu nkino z’imirwi yatahukanye ibikombe mu bihugu vyabo ku mugabane w’Afrika (Coupe de la Confédération).
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.