Real Madrid: Inyuma yo gutera akagere FC Barcelona n’iyindi mirwi, David Alaba yasinye.

Inyuma yo gutera akagere, imirwi nka: FC Barcelona, PSG, Chelsea yahora ivurwa ko imurondera ko yoza kuyikinira harimwo n’umurwi wa Bayern Munich wahora umusaba ko yokwongereza amasezerano, David Alaba afise imyaka 27 yashimye gusinyira umurwi wa Real Madrid.

Uyo munya Autriche yasinye amasezerano y’imyaka itanu (2026) muri Los Blancos nk’umukinyi yigenga kuko amasezerano yarafitaniye na Bayer Munich yarangiranye n’uno mwaka w’inkino. Bivurwa ko azohembwa imiriyoni 12M z’amanyaburaya ku mwaka muri Los Blancos. Umurwi wa Real Madrid uvuga ko uzokwerekana David Alaba imbere y’abakunzi bawo inyuma y’inkino z’igikombe ca Euro 2020 cimirije.

David Alaba yakiniye umurwi wa Bayern Munich ikiringo c’imyaka 13, ubu akaba yungururije mu murwi wa Real Madrid.

  • 190
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    190
    Shares
  •  
    190
    Shares
  • 190
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Primus League: Musongati FC, Flambeau Du Centre, Athletico New Oil Academy, Vital’O FC… ntivyagenze neza.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira kane kuva kuri uyu …

- Sponsored Advertisement -