Kizigenza w’umurwi wa Olympic Star yuriye indege kuri uyu wa gatandatu igihe c’isaha umunani amasaha y’iBurundi (14h00), igana mugihugu kibanyi c’Urwanda aho agiye mwigeragezwa mu murwi wa Mukura Victory.
Umurwi wa Mukura Victory niwo wamutumyeko kugira ngo ajeyo mwigeragezwa nkuko tubisanga mw’ikete ryo kuwa 30 myandagaro 2021 uwo murwi wamwandikiye umusaba kujayo.
Pascal Ramadhan akaba asanzwe ar’umusatirizi wo kuruhande. Hambavu yo kuba amaze umwanya utari muto akinira umurwi wa Olympic Star, amaze gukinira kandi umurwi wa Musongati FC hamwe n’umurwi nserukiragihugu Intamba Murugamba ku batarenza imyaka 20 no kubatarenza imyaka 23.
Mu mwaka uheze w’inkino, Pascal Ramadhan yarangije ihiganwa rya Primus League Burundi afise ibitsindo 10 mugihe uwa mbere yari Asman Ndikumana umukinyi wo kuruhande rw’ibubamfu inyuma wa Aigle Noir CS yarangije afise ibitsindo 14.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.