Afrobasket: Tunisie yaraye itahukanye igikombe imbere ya Côte d’Ivoire.

Umurwi nserukiragihugu wa Tunisia w’urukino rw’umupira wa maboko (Basketball) waraye ugumanye igikombe cawo c’Afrika.

Tunisia yaraye itsinze  Côte d’Ivoire amanota 78 kuri 75 mu rukino rwa nyuma rwa Afrobasket rwaraye rukinywe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 05 nyakanga 2021 i Kigali mu Rwanda.

Umurwi nserukiragihugu wa Tunisia.

Tunisia niyo yarisanganywe ico gikombe c’Afrika, yagitahukanye mu mwaka 2017.

Ikibaza ca gatatu murizo nkino z’igikombe c’Afrika mu mupira wa maboko, catahukanywe n’Igihugu ca Sénégal caraye naco gitsinze Igihugu ca Cape-Verde amanota 86 kuri 73.

Umurwi nserukiragihugu wa Sénégal.

Afrobasket ikinwa uko imyaka 4 itashe. Imirwi 16 iserukira ibihugu vyo kumugabane w’Afrika nivyo vyitabira iryo higanwa mugihe biba vyaronse itike. Igihugu c’Angola nico gisanzwe gifise ibikombe vyinshi  (11) vya Afrobasket. Gikurikirwa n’Ibihugu vya Egypte na Sénégal bifise ibikombe 5 kuri buri kimwe cose.

Afrobasket yuno mwaka 2021 yariko ibera mugihugu c’Urwanda.

  • 170
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    170
    Shares
  •  
    170
    Shares
  • 170
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Primus League: Musongati FC, Flambeau Du Centre, Athletico New Oil Academy, Vital’O FC… ntivyagenze neza.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira kane kuva kuri uyu …

- Sponsored Advertisement -