Confederation Cup : Pierrot Kwizera yafashije AS Kigali imbere ya Olympique de Missiri.

Umurwi wa AS Kigali watsinze umurwi wa Olympique de Missiri uwusanze iwabo mw’izinga rya Comores ibitsindo (1-2) mu rukino rwa mbere ruhuza imirwi ya tahukanye ibikombe vyo mubihugu vyabo muri Afrika (Confederation cup).

Pierrot Kwizera umukinyi wo hagati yamuka i Burundi niwe yatanguye kwugurura imiryago hama Robert Saba arinjiza igitsindo ca kabiri birangira igice ca mbere AS Kigali abanyamuji batsinze (0-2).

Olympique de Missiri ntiwadebukiwe kuko  mugice ca kabiri umukinyi wabo Almaji Omar yabinjirije igitsindo co kugabanya ibitsindo bibiri bari bamaze gutsindwa, niko guca birangira (1-2).

Mu ndwi iza umurwi wa AS Kigali uzokwakira Olympique de Missiri i Kigali mu rukino rwo gusubiza.

AS Kigali usanzwe ukinamwo abakinyi babiri bamuka mugihugu c’Uburundi hambavu ya Pierrot Kwizera, ukinamwo kandi Hussein Shaban batazira « Tchabalala ».

  • 160
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    160
    Shares
  •  
    160
    Shares
  • 160
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Primus League: Musongati FC, Flambeau Du Centre, Athletico New Oil Academy, Vital’O FC… ntivyagenze neza.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira kane kuva kuri uyu …

- Sponsored Advertisement -