7.9 NGD Ads:

World Cup: Lionel Messi yaraye ahanaguye amateka ya Péle.

LIONEL MESSI yaraye yinjije ibitsindo bitatu (hat-trick) mu rukino baraye batsinze Bolivia (3-0). Biciye bituma aba umukinyi wa mbere wo muri Amerika y’amajepfo amaze kwinjiriza umurwi nserukiragihugu ibitsindo vyinshi (79). Aciye asumvya Péle yinjirije Brésil ibitsindo (77).  Hari mu rukino rw’indwi igira 9 mu karere ka Amerika y’amajepfo muri za nkino zo kurondera itike yo kuzokwitabira inkino w’igikombe c’isi yose zizobera mugihugu ca Qatar mu mwaka wa 2022.

Ukungene ibindi bihugu vyaraye bitsindanye murako karere k’Amerika y’amajepfo:

Paraguay 2 – 1 Venezuela

Uruguay 1 – 0 Ecuador

Colombia 3 – 1 Chile

Brazil 2 – 0 Peru

Uko birushanya amanota mu nkino 9 zimaze gukinwa kiretse Brezil na Argentina bafise inkino 8 bamaze gukina :

  1. Brezil 28pts
  2. Argentine 18pts
  3. Uruguay 15pts
  4. Ecuador 13pts
  5. Colombia 13pts
  6. Paraguay 11pts
  7. Peru 8pts
  8. Chile 7pts
  9. Bolivia 6pts
  10.  Venezuala 4pts
7.3 MTM Ads:

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu: Inkino zigice ca kabiri.

Umurwi wa Bumamuru FC usanzwe ufise igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu co mu mwaka uheze uzotana …

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii.

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii. Ubwo n’ubutumwa bwo gukeza umurwi wa Magara Young Boys buhejeje …

7.2 NGD Ads: