CAF: Imirwi yaserukiye Uburundi yatunguye inganya.

Messager Ngozi FC na Bumamuru FC yaserukiye Uburundi mu mahiganwa ya CAF Champions League na Confederation Cup yatanguye inkino za mbere inganya murayo mahiganwa.

Kuri uyu wa gatandatu muri CAF Champions League, Messager Ngozi FC wari wagendeye umurwi wa Union Sportive de la Gendarmerie wo mugihugu ca Niger, wanganije igitsindo (1-1). US Gendarmerie nibo batanguye kuronka igitsindo mugice ca mbere Messager Ngozi FC irakigombora mugice ca kabiri.

kuri uyu wa gatanu muri Confederation Cup, ku kibuga ca Azam Complex mu gihugu ca Tanzania, Bumamuru FC warahanganirije n’umurwi wa Diables Noirs wo mugihugu ca Congo Brazaville.

Bumamuru FC.

Igenekerezo rya 18.09.2021, Messager Ngozi FC izokwakirira ku kibuga ca Azam Complex umurwi wa Union Sportive de la Gendarmerie mugihe Bumamuru FC uzoba wagendeye umurwi wa Diables Noirs wo mugihugu ca Congo Brazaville.

Impamvu imirwi yacu yakirira mugihugu ca Tanzania nuko ata kibuga mu Burundi cemewe na CAF.

Twitege iki kurino mirwi yacu? Yuko igiye gusezera umugenzo wo gusezererwa mu nkino za mbere? Ntutinye gutanga iciyumviro cawe.

  • 231
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    231
    Shares
  •  
    231
    Shares
  • 231
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Primus League: Musongati FC, Flambeau Du Centre, Athletico New Oil Academy, Vital’O FC… ntivyagenze neza.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira kane kuva kuri uyu …

- Sponsored Advertisement -