Burundi: Uwurongoye Magara Star FC yakeje umurwi wa Magara Young Boys.

Uwusanzwe arongoye umurwi wa Magara Star FC wo muri komine Bugarama intara ya Rumonge yakeje umurwi wa Magara Young Boys basangiye intara, uherutse gutahukana igikombe co mucicaro ca gatatu mw’ishirahamwe ry’umupira wa magaru mugisagara ca Bujumbura nkuko tubisanga mw’ikete ryuwo murwi.

Magara Young Boys

Muri ryo kete, John-Clinton NSENGIYUMVA arongoye Magara Star FC yarungikiye uwurongoye Magara Young Boys avuga ko intsinzi yuwo murwi yarishemeye cane kandi ko yateye iteka imvukira za Komine Bugarama, muri rusanga imvukira z’intara ya Rumonge.

Uwo arongoye Magara Star FC abandanya avuga ko umurwi wa Magara Young Boys warakoze cane kwereka Uburundi n’Abarundi ko mu ntara ya Rumonge hari imiyabaga ifise impano yogukina umupira w’amaguru.

John-Clinton NSENGIYUMVA yarangije muri ryo kete yipfuriza imigisha n’intsinzi bikomoka ku Mana umurwi wa Magara Young Boys muyandi mahiganwa ugiye kubandanyirizamwo.

Hambavu yivyo mwokwibuka ko umurwi wa Magara Young Boys na Intwararumuri FC ariyo mirwi yaronse itike yo kuzokina mu cicacro ca kabiri (Ligue B) mu Burundi mu mwaka uza w’inkino.

  • 235
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    235
    Shares
  •  
    235
    Shares
  • 235
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Primus League: Musongati FC, Flambeau Du Centre, Athletico New Oil Academy, Vital’O FC… ntivyagenze neza.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira kane kuva kuri uyu …

- Sponsored Advertisement -