Ansu Fati yakomeretse kuva mu kwezi kwa munyonyo 2020 atari bwa subire ku boneka mu kibuga. Kuri uyu w’Imana akaba ariho uwo musore w’imyaka 18 ariho yagarukanye imigisha. Ntivyamufashe iminota myinshi kugira ngo yinjize igitsindo FC Barcelona mu rukino yatsinze Levante ibitsindo (3-0) muri La Liga Satander rw’indwi igira 7.

Yinjiye ku munota wa 81′ agomboye Luuk de Jong, hama ku munota wa 90’+1 aca arinjiriza FC Barcelona igitsindo ca gatatu, mugihe Memphis Depay ariwe yinjije ica mbere kuri (penalty) hamwe na Luuk De Jong yinjije ica kabiri.
Ansu Fati akaba yagaragaye yambaye inimero 10 yahora yambara Lionel Messi. Bamwe bakizera ko igaruka ryiwe mu kibuga rigiye gufasha cane FC Barcelona yari maze iminsi iganya.
Kuri uyu wa kabiri FC Barcelona izotana mu mitwe na Benfica igihe c’isaha 21h00 mu rukino rugira kabiri rwa Champions League.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.