7.9 NGD Ads:

UCL: Mohamed Salah yaraye yandikishije amateka.

Mohamed Salah yaraye abaye umukinyi wa kabiri mubakinyi bamuka muri Afrika bamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi muriryo higanwa. Ivyo akaba abishitseko inyuma yaho yaraye yinjirije ibitsindo bibiri mu bitsindo (1-5) umurwi wiwe wa Liverpoool waraye utsindiye FC Porto muri Portugal murukino rw’indwi igira kabiri y’ihiganwa rya UEFA Champions League.

Uwo munyamisiri yaciye akwiza ibitsindo 31, aciye asumvya Umunyacameroun Samuel Eto’o igitsindo kimwe, akaba asigaje ibitsindo 13 kugira ngo ashikire Didier Drogba umunya Cote d’Ivoire yinjije ibitsindo 44.

Abakinyi batatu ba mbere babanyafrika bamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi muri UEFA Champions League:

  1. Didier Drogba 44 ibitsindo.
  2. Mohamed Salah 31 ibitsindo.
  3. Samuel Eto’o 30 ibitsindo.
7.3 MTM Ads:

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu: Inkino zigice ca kabiri.

Umurwi wa Bumamuru FC usanzwe ufise igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu co mu mwaka uheze uzotana …

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii.

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii. Ubwo n’ubutumwa bwo gukeza umurwi wa Magara Young Boys buhejeje …

7.2 NGD Ads: