7.9 NGD Ads:

Coupe du Monde U20: Uburundi bwasezereye Namibia.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abigeme batarenza imyaka mirongo ibiri wasezereye umurwi nserukiragihugu wa Namibia mu kuwutsinda mu nkino zibiri. Urwa mbere hamwe nurwo gusubiza. Ni muri za nkino zo kurondera itike y’igikombe c’Isi yose kizobera mugihugu ca Costa Rica.

Namibia U20 muhira kuri uyu wa gatanu bahatsindiwe n’Uburundi ibitsindo (2-0). Ni mugihe no murukino rwa mbere ruherutse kubera i Ngozi ku kibuga urukundo, Intamba Murugamba zari zaratsinze Namibia ibitsindo (3-0) hari kw’igenekerezo rya 25.09.2021. Ni ukuvuga ko mu nkino zibiri, Uburundi bwasinze Namibia ibitsindo (5-0).

Uburundi buzohura n’ikihe gihugu mugice gikurikira?

Uburundi U20 buzoca butana mu mitwe n’Igihugu kizotsinda hagati ya Tanzania na Eritrea. Mu rukino rwa mbere Tanzania yatsindiye Eritrea muhira iwabo ibitsindo (0-3). Urukino rwo gusubiza Tanzania izokwakira Eritrea i Dar Es Salaam.

7.3 MTM Ads:

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu: Inkino zigice ca kabiri.

Umurwi wa Bumamuru FC usanzwe ufise igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu co mu mwaka uheze uzotana …

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii.

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii. Ubwo n’ubutumwa bwo gukeza umurwi wa Magara Young Boys buhejeje …

7.2 NGD Ads: