Rumonge: Ivyo guterera umurwi nserukirantara vyarahagaritswe.

Buramatari w’intara ya Rumonge yarahagaritse ingingo yari yafashe yo gutoza intererano yo gushigikira umurwi nserukirantara mu mupira w’amaguru.

Mw’itangazo ryo kw’igenekerezo rya 8.10.2021, Consolateur Nitunga yasavye abavuka ntara n’abakunzi b’uwo murwi kuwuterera.

Muriryo tangazo yari yasohoye ubwa mbere yasaba abafise imiduga yunguruza abantu n’ibintu, ikinga canke ipikipiki zikoreshwa muri ako kazi bazotanga intererano uku gukurikira :

-Uwufise imodoka yunguruza abantu n’ibintu Coaster azotanga amafaranga 2000 ku musi

-Iyunguruza abantu n’ibintu Hiace: 1000 ku munsi

-Imodoka yunguruza abantu n’ibintu Probox 500 ku munsi

-Ibeni canke ikamyo azotanga ibihumbi 2 ku munsi

-Uwufise iyo mu bwoko bwa Dyna: 1000 ku munsi

-Uwo ipikipiki azotanga amajana 3 ku munsi

-Ikinga yunguruza abantu ica amahera: 100fbu ku munsi

Inzu z’ubudandarizo

1. Amahoteri manini: 50000 ku kwezi;

2. Amahoteri abayebaye: 20000 ku kwezi;

3. Ubunywero : 2000 ku kwezi;

4. lbutike: 500 ku kwezi;5.

5. Igituro c’ibitoro: 50000 ku kwezi.

Abadandaza

1. Abakura ibinyobwa mw’ihinnguriro Brarudi: 50000 ku kwezi;

2. Abakura isima mw’ihinguriro BUCECO: 50000 ku kwezi;

3. Abakura isukari mw’ihinguriro SOSUMO: 10000 ku kwezi

Ingingo yo guhagarika ivyo yari yasavye mw’itangazo rya mbere yayifashe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12.10.2021. Buramatari w’intara ya Rumonge yahamagariye abanyentara hamwe n’abakunzi b’uwo murwi kuzowhigikira ku bushake bwabo.

Akaba afashe iyo ingingo yo guhagararika gutoza izo ntereraro mugihe itari bwatangure kuja mungiro. Vyari bitegekanijwe ko batangura gutoza intererano igenekerezo rya 15 gitugutu 2021.

  •  
    407
    Shares
  • 407
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Rwanda: Aspor yasinyishije Christian Kabera.

Inyuma y’iminsi mike atandukanye n’umurwi wa Flambeau de L’Est wo mu ntara ya Ruyigi, Christian …

Classement FIFA: Mu karere ka EAC vyifashe gute?

Mu rutonde rusohorwa n’ishirahamwe ry’umupira wa magaruru kw’isi FIFA buri kwezi, Uburundi ntibwakorotse canke bwunguke …