Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi ryatanze ibihano ku mirwi ya Flambeau Du Centre wo mu ntara ya Gitega hamwe no ku murwi wa Athletico New Oil Academy ryongera rigabisha umurwi wa Bumamuru FC nkuko tubisanga mu makete yo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 02 munyonyo 2021 iryo shirahamwe ryarungikiye abarongoye iyo mirwi.
Flambeau Du Centre na Athletico New Oil Academy yaciriwe ihadabu ry’amafaranga angana n’ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi (50.000fbu) umurwi umwumwe. Ivyo bikaba biturutse ku kwanka kwinjira mu bwugamo bw’ikibuga Urunani mu nkino batanye mu mitwe n’umurwi wa Bumamuru FC i Buganda. FFB yongeye iragabisha iyo mirwi ko ico gihano gishobora kwongerekana mugihe yobandanya yigenza gutyo.
Umurwi wa Bumamuru FC wo ntiwahanywe ahubwo wagabishijwe ko ushobora kuzokina atabarorerezi canke inkino zawo zizokwimurirwa ku kindi kibuga biturutse ku ngendo itandukanye n’inkino abarorerezi buwo murwi berekana, nko gutera ibicupa vy’amazi mu kibuga mugihe urukino ruriko rurakinwa, no gufata nabi abakunzi biyindi mirwi.
Mwokwibuka ko umumenyereza wa Athletico New Oil Academy Nahimana Hussein « Welo » yakomerejejwe ku mutwe atewe igicupa ca mazi ku kibuga urunani ku rukino batsinzwe na Bumamuru FC (3-1). Abakunzi biyo mirwi ibiri barabitanatanyeko.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.