Umurwi wa Vital’O FC ntukiramutswa umumenyereza Nzeyimana Mailo kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo ry’7 munyonyo 2021. Mailo yatandukanye na Vital’O FC ku bushake bw’impande zose zibiri. Umumenyereza Ngabire Saidi Marcus yahora ar’icegera c’umumenyereza mu murwi wa Olympic Star niwe yamusubiriye murico kibanza.
Ubutumwa Mailo yasigiye umurwi wa Vital’O FC, avuga ko ababajwe no kuba agiye atashikanye ivyo yari yipfuje gushikako yongera ahamagarira Vital’O FC kubandanya bafatana munda.
Ndababajwe nuko ngiye ntashikanye ivyo nari nipfuje gushikako. Narinipfuje gusiga umurwi wa Vital’O FC uri mubibanza bine vya mbere mugice ca mbere c’ihiganwa ariko sinzi ico uwugiye kunsubirira azokora. Sije naguze abakinyi nibo nasanze mu murwi. Nosaba umumenyereza mushasha kuraba ibintu bibi noba narakoze abikosore hama vyiza abibandanyirizeko. Ico mfise no kwongerako nuko ndabifurije amahirwe babandanye bafatana munda bareke ibintu bishobora kuza kubateranya canke kwumviriza ibivurwa hanze y’umurwi.
Uwo mumenyereza wa kera wa Flambeau Du Centre, Lipuli FC n’iyindi mirwi itandukanye asize umurwi wa Vital’O FC mu kibanza ca c’umunani n’amanota 15 muri Primus League, ukaba usubwa amanota 11 n’umurwi wa mbere ariwo Bumamuru FC. Hasigaye inkino zine kugira ngo igice ca mbere c’ihiganwa kirangire.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.