Umukinyi wo hagati w’umurwi wa Bumamuru FC Shassir Nahimana niwe yatowe nk’umukinyi mwiza w’ukwezi kwa gitugutu muri Primus Ligue 2021-2022. Yatowe n’abakunzi b’umupira wa maguru ku majwi 2105 angana n’ibice 51%.
Yasumbije Landry Ndikumana umusatirizi wa Athletico New Oil Academy ibice 28% bamutoye ku majwi 1569 nukuvuga ko yaronse ibice 38%.
Desiré Nduwimana umusatirizi wo kuruhande wa Burundi Sport Dynamik nawe yatowe kubice 11% bingana n’amajwi 454.
Abatoye bangana 4128 .
Shassir Nahimana akazoshikirizwa agashimwe kiwe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 munyonyo ku kibuga Urunani, imbere yuko urukino ruzohuza umurwi wiwe wa Bumamuru FC na Aigle Noir FC ruba.
Mwokwibuka ko ivyo gutanga ako gashimwe k’umukinyi yigenjeje neza buri kwezi vyari vyarahagaze kuva mu mwaka uheze w’inkino ntabushimwe bwatanzwe ku bakinyi.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.