7.9 NGD Ads:

Primus League: Bumamuru FC ufise amahirwe menshi yo kurangiza mu kibanza ca mbere.

Umurwi wa Bumamuru FC wo mu ntara ya Cibitoke ufise amahirwe menshi yo kurangiza igice ca mbere c’ihiganwa rya Primus League uri mu kibanza ca mbere.

Uwo murwi umenyereza na Alain Olivier Niyungeko batazira « Mutombora » uri mukibanza ca mbere n’amanota 29, umurwi uwukurikira ni Musongati FC w’i Gitega ufise amanota 20 mugihe ihiganwa risigaje inkino zitatu gusa kugira ngo igice ca mbere c’ihiganwa kirangire.

Bumamuru FC usabwa gusa kunganya urukino rumwe murizo zitatu zisigaye uheze urangize igice ca mbere c’ihiganwa uri mukibanza ca mbere.

Musongati FC uri mu kibanza ca kabiri inyuma ya Bumamuru FC ubasumvya amanota 9, kugira ngo urangize uri mukibanza ca mbere usabwa gutsinda inkino zose zitatu usigaje hama Bumamuru FC utsindwe zose zitatu usigaje gukina mugice ca mbere c’ihiganwa. Murico gihe Bumamuru FC na Musongati FC yoca inganya amanota 29 ariko bivanye nuko Musongati FC watsinze Bumamuru FC woca uja mu kibanza ca mbere twisunze amategeko y’ihiganwa rya Primus League uko yubatse.

Mwomenyako Bumamuru FC usigaje gutana mu mitwe na Kayanza United, BS Dynamik na Messager Ngozi kugira ngo igice ca mbere (Phase aller) c’ihiganwa rirangire.

7.3 MTM Ads:

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu: Inkino zigice ca kabiri.

Umurwi wa Bumamuru FC usanzwe ufise igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu co mu mwaka uheze uzotana …

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii.

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii. Ubwo n’ubutumwa bwo gukeza umurwi wa Magara Young Boys buhejeje …

7.2 NGD Ads: