7.9 NGD Ads:

Primus League: Bumamuru FC yanganije, Athl New Oil yatsinze, Musongati FC yaratsinzwe!

Umurwi wa Bumamuru FC usanzwe uri mu kibanza ca mbere mw’ighiganwa rya Primus League Burundi, kuri uyu w’Imana mu ndwi ya 14 yiryo higanwa, wanganirije muhira ku kibuga Urunani (0-0) na BS Dynamik.

Ku rukino rwiwe rwa mbere nk’umumenyereza wa Athletico New Oil FC, Omar Ntakagero umurwi wiwe watsinze Vital’O FC (1-0) urukino rwabereye i Muyinga kuri uyu w’Imana.

Ni mugihe umurwi wa Musongati FC watsindiwe mu Kayanza n’umurwi wa Top Junior (1-0) hari kuri uyu wa gatandatu.

Uko imirwi yose yatsindanye mu ndwi ya 14.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27.11.2021:

Bujumbura City 0-2 Messager Ngozi FC

Olympic Star  2-2 Royal FC

Top Junior Academy 1-0 Musongati FC

Les Crocos FC 0-0 Flambeau Du Centre

Rukinzo FC 1-1 Kayanza United.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 28.11.2021:

Athletico New oil Academy 1-0 Vital’O FC

Bumamuru FC 0-0 BS Dynamik

Flambeau De L’Est 0-4 Aigle Noir SC

Twobibutsako hasigaye urukino rumwe gusa kugira ngo igice ca mbere c’ihiganwa rya Primus League Burundi kirangire.

7.3 MTM Ads:

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu: Inkino zigice ca kabiri.

Umurwi wa Bumamuru FC usanzwe ufise igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu co mu mwaka uheze uzotana …

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii.

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii. Ubwo n’ubutumwa bwo gukeza umurwi wa Magara Young Boys buhejeje …

7.2 NGD Ads: