Ihiganwa ryo mucicaro ca kane (4ème Division) muri Komine Ntahangwa mugisagara ca Bujumbura ryaratanguye kuva kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 26 ntwarante 2022. Imirwi ya Peace na Imboneza FC niyo yuguruye ihiganwa ku kibuga co muri zone Kinama. Peace FC vyarangiye itsinze Imboneza FC ibitsindo (2-1).
Nayo imirwi yegukira Star Football Academy, (Buterere Star FC na Kinama Star), Buterere Star FC yaranganije na Fraternité (1-1) hama Kinama Star FC yatsinzwe na Betraco FC ibitsindo (1-2).
Uko imirwi yose yatsindanye mu ndwi ya mbere y’ihiganwa ryo mucicaro ca kane muri komine Ntahangwa mugisagara ca Bujumbura nuku gukurikira:
26/03/2022:
Peace FC 2-1 Imboneza FC
Huit simba 2–1 Gillette
Tatannees Aillees 0– 1 Tenga Utd
27/03/2022
Ac wembo 0–1 You living love
Maniema 2–0 Dynamic
Fraternité 1–1 Buterere Star
Young talent 2 –1 Aigle noir
Kinama Star 1-2 Betraco FC
Miracle 0–3 Ac Buja rapido
Ac st basile 1–1 Buterere fc
Familia 1-0 Volcano
Iryo higanwa rizoca ribandanya mumpera zino ndwi.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.