7.9 NGD Ads:

Ligue B: Ivya Inter Star na Magara Young Boys bizodadanuka kuri uyu wa kane.

Ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri (Ligue B) risigaje urukino rumwe gusa kugira ngo rirangire. Gushika muraka kanya nta murwi uramenye ko ugiye kuduga icicaro utabanje guca murukino rwamajonjora.

Mw’itsinda rya mbere, ibintu bizodadanuka neza kuri uyu wa kane igenekerezo rya 31 ntwarante uno mwaka, aho umurwi wa Inter Star uri mukibanza ca mbere uzotana mu mitwe n’umurwi wa Magara Young Boys uri mukibanza ca kabiri.

Inter Star

Inter Star irusha umurwi wa Magara Young Boys amanota abiri gusa. Nukuvuga ko Inter Star ifise amanota 31, Magara Young Boys amanota 29.

Magara Young Boys.

Mugihe vyoshika Inter Star ikanganya canke igasinda izoca igaruka muri Primus League hama Magara Young Boys izoca ikina urukino rw’ijonjora. Magara Young Boys isabwa gutsinda urukino ice iduga nayo nyene itabanje guca mu rukino rw’ijonjora.

Mw’itsinda rya kabiri ibintu bisa nuko bimeze gutyo nyene ariko hoho umurwi wa Tigre Noir naho unganya amanota na Garage Express ntibazohurira mu rukino.

Tigre Noir ifise amanota 26 izotana mu mitwe na Buhumuza FC mugihe Garage Express nayo nyene ifise ayo manota izotana mu mitwe na Moso Sugar. Izo nkino zikaba zetegekanijwe igenekerezo rya 3 Ndamukiza uno mwaka.

Mugihe vyoshika iyo mirwi ikarangize inganije amanota, Tigre Noir izoca iduga kubera ko yatsinze mu nkino zibiri zose zayihujije na Garage Express (0-2, 3-0).

Mwomenya ko umurwi w’Intwararumuri FC uri mw’itsinda rya mbere umaze gukoroka icicaro mugihe mw’istinda rya kabiri urugamba rukibandanya hagati ya Lumière de Mwumba ifise amanota 12 mu kibanza ca nyuma, ukurikirwa n’imirwi ya New Force na Delta Star ifise amanota 14.

Uko imirwi irushanya amanota.

Itsinda A.

1. Inter Star 31pts

2. Magara Young Boys 29pts

3. Muzinga FC 19pts

4. Tel-Aviv FC 18pts

5. Lydia Ludic S4A 17pts

6. Les Lierres FC 15pts

7. Les Jeunes Athlétiques 12pts

8. Intwararumuri FC 5pts

Itsinda B.

1. Tigre Noir 26pts

2. Garage Express 26pts

3. Moso Sugar 18pts

4. Les Eléphants FC 16pts

5. Buhumuza FC 15pts

6. Delta Star 14pts

7. New Force 14pts

8. Lumière De Mwumba 12pts

7.3 MTM Ads:

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu: Inkino zigice ca kabiri.

Umurwi wa Bumamuru FC usanzwe ufise igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu co mu mwaka uheze uzotana …

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii.

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii. Ubwo n’ubutumwa bwo gukeza umurwi wa Magara Young Boys buhejeje …

7.2 NGD Ads: