Haheze imisi itatu, Magara Times Media ibazaniye uburyo bushasha bwo kwumviriza radiyo yayo « Magara Times FM » ubicishije kuri telefone ngendanwa zikoresha ubuhinga bwa Android. Radiyo Magara Times FM isanzwe isamiranira kuri 92.0 MHz mu micungararo ya Komine Bugarama mu Ntara ya Rumonge mu gihugu c’Uburundi.
Kugira wumvirize iyo radiyo ubicishije kuri telefone ngendanwa, bisaba ko uja kuri Google Play Store, urubuga rwa Google aho umuntu ashobora kwakira Applications zitandukanye zikoresha Android. Uri kuri Google Play Store, wandika ijambo MAGARA TIMES FM hanyuma ukarondera iyo Application. Umaze gushira iyo Application muri telefone, uca uja kuri LISTEN LIVE hanyuma ugaheza ugafyonda kuri PLAY kugira wumvirize ikibiriraho ibiganiro bitandukanye ry’iradiyo iriko irasamiranira i Magara muri Komine Bugarama.
Uko buca niko isi iguma itera imbere na niko ubuzima buguma bworoha, iterambere ry’ukuri rihagaze kuri technologies zorosha ubuzima.
— Media Department | NGD (@NGDMedia) April 2, 2022
Ubu ushobora kwumviriza @MagaraTimesFM aho uri hose ubicishije kuri Ordinateur https://t.co/0Mx8SxQpTO canke kuri Android https://t.co/wt0U7KsoGK
Radiyo Magara Times FM isamirana guhera isaha 5 z’agatondo gushika isaha 6 z’ijoro imisi yose y’indwi. Ushobora gukwirikirana ibiganiro vy’iradiyo kuri FM no kuri internet uciye kuri fm.magaratimes.com/live/ canke ukayumviriza kuri telefone yawe ngendanwa ukoresheje iyi Application nshasha.
Radiyo Magara Times FM yegukira Fondation NGD, ikaba itwagwa mu gisata « Magara Times Media » kijejwe ibinyamakuru vyiryo nshirahamwe ryigenga, risanzwe rifise icicaro gikuru i Magara mu Ntara ya Rumonge.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.