7.9 NGD Ads:

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu: Aigle Noir na Bumamuru FC yarigenjeje neza.

Umurwi wa Aigle Noir watanguye neza cane igice ca kane gihira icanyuma mu gikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu mu gutsinda umurwi wa Rukinzo FC ibitsindo (5-0) mu rukino rwa mbere ku kibuga citiriwe Urumuri mu ntara ya Ruyigi, hari ku munsi wa gatandatu w’indwi twaraye turangije. Ni mugihe umurwi wa Bumamuru FC usanzwe ifise ico gikombe watsinze BS Dynamik ibitsindo (3-0) ni ku rukino rwabereye i Buganda ku kibuga citiriwe Urunani hari ku munsi w’Imana.

Musongati FC.

I Gitega naho kuri uyu w’Imana, Flambeau Du Centre yari yari yakiriye umukeba wabo w’ibihe vyose Musongati FC birangira banganije igitsindo (1-1).

Les Crocos FC yo ku munsi wa gatandatu yanganije na Bujumbura City (1-1) ku kibuga citiriwe Ivyizigiro mu Rumonge.

Ku munsi w’Imana 03.04.2022

Flambeau Du Centre 1-1 Musongati FC

Bumamuru FC 3-0 BS Dynamik

Ku munsi wa gatandatu 02.04.2022

Aigle Noir CS 5-0 Rukinzo FC

Les Crocos FC 1-1 Bujumbura City

Inkino zo gusubiza zikaba zitegekanijwe amagenekerezo ya 22 na 23 ndamukiza uno mwaka nyene.

7.3 MTM Ads:

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu: Inkino zigice ca kabiri.

Umurwi wa Bumamuru FC usanzwe ufise igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu co mu mwaka uheze uzotana …

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii.

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii. Ubwo n’ubutumwa bwo gukeza umurwi wa Magara Young Boys buhejeje …

7.2 NGD Ads: