Umurwi wa Aigle Noir CS wagenye Aimé Nzohabonayo mu kibanza c’umumenyereza mukuru wuwo murwi nkuko tubisanga mw’ikete ryatewe umukono n’umunyamabanga mukuru wa The Fighters.
Joslin Bipfubusa yahora amenyereza uwo murwi hamwe na Dr Majambere Jean Claude yahora ari umuganga wuwo murwi bo bahagaritswe mu mabanga yabo ariko bakazoguma bahembwa.
Muri ryo kete, Aigle Noir ivuga ko impamvu zatatumye bafata ingingo zo guhindura ari kubera ko bamwe mubagize staff bataboneka mu myimenyerezo y’abakinyi.
Dr Majambere yatubwiye ko yari yarasezeye muri uwo murwi kubera ko ubu vuba agiye kubandanya n’ivyirwa mugihugu ca Maroc.
Aimé Nzohabonayo yahora ari icegera ca Joslin Bipfubusa muri uwo murwi nyene w’i Makamba.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.