7.9 NGD Ads:

Ligue B: Birangiye Magara Young Boys iduze muri Primus League.

Umurwi wa Magara Young Boys niwo uherekeje imirwi ya Inter Star na Tigre Noir mucicaro ca mbere mu Primus League mu mwaka uza w’inkino 2022-2023 ivuye mu cicaro ca kabiri Ligue B.

Magara Young Boys

Uwo murwi wo mu ntara ya Rumonge watsinze kuri Penalty zitatu kuri imwe ya Garage Express, inyuma yo kunganya (1-1) ku rukino rwose rw’ijonjora rwogusubiza ruhejeje kubera i Gitega.

Ni mugihe murukino rwa mbere baranganirije i Bujumbura (0-0) ku kibuga citiriwe Intwari mugisagara ca Bujumbura.

Magara Young Boys igeze mu cicaro ca mbere mu mwanya mutoyi cane kuko mu mwaka w’inkino wa 2020-2021 wakina icicaro ca gatatu (3ème Division), muri uno mwaka w’inkino wa 2021-2022 wakina icicaro ca kabiri (Ligue B) mu mwaka uza w’inkino wa 2022-2023 uzokina icicaro ca mbere ( Primus League Burundi).

7.3 MTM Ads:

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu: Inkino zigice ca kabiri.

Umurwi wa Bumamuru FC usanzwe ufise igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu co mu mwaka uheze uzotana …

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii.

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii. Ubwo n’ubutumwa bwo gukeza umurwi wa Magara Young Boys buhejeje …

7.2 NGD Ads: