Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii. Ubwo n’ubutumwa bwo gukeza umurwi wa Magara Young Boys buhejeje gushikirizwa na John-Clinton Nsengiyumva arongoye umurwi wa Magara Star FC.
Nsengiyumva avugako akeje umugwi wa MAGARA YOUNG BOYS FC na komite y’umugwi, Abafana hamwe n’uwuwurongoye ariwe Alexis BANDYATUYAGA avuga ar’iteka ntangere bongeye gutera zone MAGARA n’intara ya RUMONGE.
Uwo arongoye Magara Star FC asabira Magara Young Boys imigisha ku Mana ko yobandanya ibikogwa nkivyo vy’iterambere ry’aho bavuka.
John-Clinton Nsengiyumva asaba Ubuyobozi bw’intara ya Rumonge gushigikira umugwi umwe wo nyene wo muriyo ntara uzokina icicaro ca mbere nkuko bashigikiye umugwi wa LES CROCOS FC akizera ko bazobikora no kuri MAGARA YOUNG BOYS.
Mu kurangiza, asaba ko Komine BUGARAMA yova mu gacerere igaheza ikaraba ukuntu umugwi nkuyu woshigikirwa kuko aho ugiye hose ugenda userukira akarere.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.