Amakuru

Rumonge: Ivyo guterera umurwi nserukirantara vyarahagaritswe.

Buramatari w’intara ya Rumonge yarahagaritse ingingo yari yafashe yo gutoza intererano yo gushigikira umurwi nserukirantara mu mupira w’amaguru. Mw’itangazo ryo kw’igenekerezo rya 8.10.2021, Consolateur Nitunga yasavye abavuka ntara n’abakunzi b’uwo murwi kuwuterera. Muriryo tangazo yari yasohoye ubwa mbere yasaba abafise imiduga yunguruza abantu n’ibintu, ikinga canke ipikipiki zikoreshwa muri ako …

Read More »

Iyorohereze urugendo na ZELA TRANSPORT.

Woba umaze kwiyunguruza, umudugu ukwunguruje ukagahu amazi yo kunywa hamwe na Wi-Fi vyagusa? Abakiriya ba ZELA Transport Ivyo nahandi tubisanga atari muri ZELA TRANSPORT. ZELA TRANSPORT n’ishirahamwe rifise imodoka nziza zikiri nshasha kandi zigezweho zunguruza abantu mu buryo bwiza kandi bunyaruka ku biciro bitavuna. ZELA Transport ifise ibisata bibiri: AGENCE …

Read More »

Coupe du Monde U20: Uburundi bwasezereye Namibia.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abigeme batarenza imyaka mirongo ibiri wasezereye umurwi nserukiragihugu wa Namibia mu kuwutsinda mu nkino zibiri. Urwa mbere hamwe nurwo gusubiza. Ni muri za nkino zo kurondera itike y’igikombe c’Isi yose kizobera mugihugu ca Costa Rica. Namibia U20 muhira kuri uyu wa gatanu bahatsindiwe n’Uburundi ibitsindo (2-0). Ni …

Read More »

Premier League: CR7 na Mikel Arteta bashimiwe.

Umusatirizi wa Manchester United, Cristiano Ronaldo niwe yatowe nk’umukinyi yigenjeje neza gusumba abandi mu kwezi kw’icenda mu Bwongereza. Muri uko kwezi, CR7 yinjije ibitsindo 3 harimwo bibiri yinjije mu rukino Manchester United yasinze Newcastle United (4-1) hamwe n’ikindi kimwe yinjije mu rukino batsinze umurwi wa West Ham United (2-1). Cristiano …

Read More »

Ligue B: Tigre Noir FC na New Force yaje iva he?

Ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri mu Burundi, Ligue B rizotangura icese mu mwaka waryo w’inkino wa 2021-2022 kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14 gitugutu 2021 nkuko Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB rimaze kubimenyesha. Ikirangaminsi Mu mirwi izo kwitabira iryo higanwa dusangamwo imirwi yaduze mu cicaro ca kabiri …

Read More »

Bumamuru FC -Athl New Oil: Indimi ni zibiri kuvyabereye i Buganda.

Mu rukino umurwi wa Bumamuru FC waraye utsinze umurwi wa Athletico New Oil Academy ibitsindo (3-1) rw’indwi ya gatandatu y’ihiganwa rya Primus League Burundi. Umumenyereza wa Athletico New Oil Academy, Nahimana Hussein « Wello » yarakomerekejwe ku mutwe atewe icupa. Iburyo Nahimana Hussein Wello. Ifoto ya Mishe Mishe. Uwakomerekeje wello ni nde? …

Read More »

Basketball: Urunani BBC na Gladiators niyo yatahunkanye Super Cup.

Kuruhande rw’abagabo kuri uyu w’Imana, umurwi w’Urunani BBC niwo watahukanye igikombe ca Super Cup mu nkino z’umupira w’amaboko (Basketball) utsinze umurwi wa New Star amanota 64 kuri 50. Urunani kugira rushike mu rukino rwa nyuma wari waratsinze umurwi wa Kern BBC amanota 57 kuri 49. Mugihe umurwi wa New Star …

Read More »

Rumonge: Les Crocos FC yahinduye umumenyereza!

Umurwi wa Les Crocos FC wo mu ntara ya Rumonge wahinduye umumenyereza, Jean Nahimana yirukanywe, Robert Bimenyimana akaba ariwe agiye kubandanya amenyereza uwo murwi. Impamvu Les Crocos FC itandukanye nuwo mu menyereza wa kera wa Moso Sugar Jean Nahimana, nuko umwimbu wiwe utari ushemeye mu nkino zitanu za Primus League …

Read More »

UCL: Mohamed Salah yaraye yandikishije amateka.

Mohamed Salah yaraye abaye umukinyi wa kabiri mubakinyi bamuka muri Afrika bamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi muriryo higanwa. Ivyo akaba abishitseko inyuma yaho yaraye yinjirije ibitsindo bibiri mu bitsindo (1-5) umurwi wiwe wa Liverpoool waraye utsindiye FC Porto muri Portugal murukino rw’indwi igira kabiri y’ihiganwa rya UEFA Champions League. Uwo munyamisiri …

Read More »

FC Barcelona: Ansu Fati ntiyibagiye ivyo gutsinda!

Ansu Fati yakomeretse kuva mu kwezi kwa munyonyo 2020 atari bwa subire ku boneka mu kibuga. Kuri uyu w’Imana akaba ariho uwo musore w’imyaka 18 ariho yagarukanye imigisha. Ntivyamufashe iminota myinshi kugira ngo yinjize igitsindo FC Barcelona mu rukino yatsinze Levante ibitsindo (3-0) muri La Liga Satander rw’indwi igira 7. …

Read More »

Primus League: Ivyavuye mu ndwi ya gatanu hamwe nuko irushanya amanota.

Indwi igira gatanu y’ihiganwa rya Primus League Burundi, imirwi yatsindanye uku gukurikira. Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 26.09.2021. Les Crocos FC 1-2 Bumamuru FC Athletico New Oil 1-0 Messager Ngozi FC Flambeau Du Centre 1-0 Royal FC Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25.09.2021. Musongati FC 3-0 Kayanza United Flambeau …

Read More »

Primus League: Les Crocos FC vyankira he?

Umurwi wa Les Crocos FC niwo murwi wonyene ukina Primus League gushika ubu utararonka inota muri uno mwaka w’inkino 2021-2022 mu nkino zitanu umaze gukina. Bamwe mu bakunzi buwo murwi baribaza igituma umurwi wabo utariko uraronka amanota atatu ico bivako. Bamwe bati: « Abakinyi Les Crocos FC yazanye ntibashoboye ihiganwa ryo …

Read More »

Rwanda: Coutinho yasinye muri Kiyovu Sports.

Umurwi wa Kiyovu Sports wo mugihugu c’Urwanda ubicishije ku rubuga rwayo rwa facebook wamenyesheje ko wasinyishije umusatirizi w’Umurundi Bizimana Amissi batazira « Coutinho ». BIZIMANA Amissi « Coutinho » Kiyovu Sports ntiyamenyesheje ikiringo yasinyishije Coutinho. Bizimana Amissi yahora akinira umurwi wa Sofapaka wo mugihugu ca Kenya. Agiye gukorana n’umumenyereza w’Umurundi Haringingo Mbaya Francis. Mu …

Read More »

Tanzania: Young Africans yagarukanye Kaze Cedric!

Umurwi wa Young Africans wo mugihugu ca Tanzania wamenyesheje ubicishije kurubuga rwayo rwa facebook ko ugarukanye umumenyereza w’Umurundi Kaze Cedric yahora amenyereza uwo murwi nyene mu mwaka uheze w’inkino. Kaze Cedric ibubamfu. Kaze Cedric ntagarukanywe mu murwi wa Young Africans nk’umumenyereza mukuru ahubwo ko yagarukanywe nk’icegera c’umumenyereza Nasreddine Nabi umunyatunisia …

Read More »

Ntibisanzwe! Icegera c’Umukuru w’Igihugu ca Surname yarakinye, umurwi wiwe uca uranyagirwa.

Icegera c’Umukuru w’Igihugu ca Surname, Ronnie Brunswijk yaraye akinye urukino rw’igice c’umunani gishira icanyuma mw’ihiganwa rya Concacaf League rihuza imirwi yo kumugabane wa Amerika yo haruguru, arikumwe n’umurwi wa Inter Moengotapoe asanzwe ariwe nyene umurwi akaba ari nawe awurongoye. Ronnie Brunswijk Ku myaka 60 y’amavuko, Ronnie Brunswijk, yarakinye urwo rukino …

Read More »
7.2 NGD Ads: