Burundi

Ligue B: Inkizo zitegekanije mu ndwi ya 3 hamwe nuko irushanya amanota.

Ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri (Ligue B) ririnjira uno munsi mu ndwi yaryo igira gatatu. Inkino zibiri nizo zitegekanije kuri uyu wa kane: Magara Young Boys iherutse gutsinda Intwararumiri FC (4-2) uza gutana mu mitwe n’umurwi wa Lydia Ludic nawo uherutse gutsindwa na Inter Star (1-0) igihe c’isaha 13h00 …

Read More »

Rumonge: Inkuru nziza kuri Les Crocos FC.

Umurwi wa Les Crocos FC uzokwakirira umurwi wa Athletico New Oil Academy mu Rumonge ku kibuga cabo citiriwe Ivyizigiro mu rukino rwa Primus League Burundi mw’indwi igira icumi nkuko tubisanga mw’ikete ry’ishirahamwe ry’umupira wa magaru ryarungikiye uwo murwi. Stade Ivyizigiro. Ivyo bika bije inyuma yaho uwurongoye igisata c’inkino, uwurongoye igisata …

Read More »

Ligue B: Uko imirwi yatsindanye mu ndwi ya kabiri.

Umurwi wa Inter Star urabandanya wigenza neza, Inyuma yo gutsinda Magara Young Boys ibitsindo (2-1) basubiriye gutsinda Lydia Ludic Sport 4 Africa igitsindo (1-0). Inkino z’indwi ya kabiri uko imirwi yatsindanye vyagenze uku gukurikira: Delta Star 0-0 Buhumuza fc Moso Sugur 0-1 New Force cademy Tigre Noir 0-0 Lumière De …

Read More »

Primus League: Derby y’i Muyinga vyarangiye banganije, Musongati FC nta manota atatu.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira icenda, urukino rwaranze ino ndwi n’urwabereye i Muyinga muri Derby yo muri yo ntara, umurwi wa Athletico New Oil Academy wanganije n’umurwi wa Olympic Star (2-2). Umurwi wa Olympic Star niwo watanguye kwinjiza Athletico New Oil Academy urakigombora ndetse …

Read More »

Rwanda: Aspor yasinyishije Christian Kabera.

Inyuma y’iminsi mike atandukanye n’umurwi wa Flambeau de L’Est wo mu ntara ya Ruyigi, Christian Kabera batazira « Mourihno » yasinye amasezerano y’imyaka ibiri mu murwi wa Aspor wo mugihugu c’Urwanda. Aspor n’umurwi usanzwe ukina icacro ca kabiri mu Rwanda. Ukaba ubaye umurwi wa mbere uwo mumenyereza afise Licence C agiye kumenyereza …

Read More »

Classement FIFA: Mu karere ka EAC vyifashe gute?

Mu rutonde rusohorwa n’ishirahamwe ry’umupira wa magaruru kw’isi FIFA buri kwezi, Uburundi ntibwakorotse canke bwunguke ikibanza mu rutonde rwa FIFA rwo mu kwezi kw’icumi. Mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseroko EAC, Uburundi busumba Igihugu ca Sud y’epfo gusa. Raba uko vyifashe: Uburundi ntibwakorotse i canke bwunguke ikibanza kuri …

Read More »

Flambeau De L’Est: Haruna Feruzi yasubiriye Christian Kabera.

Haruna Feruzi « Fello » niwe yasubiriye umumenyereza Christian Kabera mu murwi wa Flambeau De L’Est muri co kibanza. Feruzi yahora ar’icegera ca Omar Ntakagero mu mwaka uheze mu murwi wa Flambeau Du Centre w’i Gitega. Bivurwa ko icatumye Christian Kabera yoba yirukanywe inyuma yo gutsindirwa muhira ku kibuga urumuri ibitsindo (0-5) …

Read More »

Les Crocos FC: Harico Robert Bimenyimana yoba amaze guhindura?

Kuva aho umurwi wa Les Crocos FC uhinduriye Jean NAHIMANA yahora awumenyereza bisana nuko uwamusubiriye Robert BIMENYIMANA amaze guhindura gatoyi uwo murwi wo mu ntara ya Rumonge. Igisigura ivyo, nuko Robert Bimenyimana mu nkino zitatu amaze kumenyereza uwo murwi amaze gutsindwa urukino rumwe aganya inkino zibiri. Rukinzo FC 1-0 Les …

Read More »

Primus League: Bumamuru FC yatsindiwe i Buganda!

Urukino Bumamuru FC yatsinzwe na Musongati FC rubaye urukino rwa mbere uwo murwi wo mu ntara ya Cibitoke utsinzwe muri uno mwaka w’inkino. Umurwi wa Bumamuru FC muhira ku kibuga citiriwe Urunani, mu rukino rw’indwi ya munani y’Ihiganwa rya Primus League wari wakiriye umurwi wa Musongati FC, ukaba wahatakarije mu …

Read More »

Aigle Noir CS: Ibihe nivyo bitariko biraborohera.

Umurwi wa Aigle Noir CS ngo nturiko uroroherwa n’ibihe nahandi ho gukina barakina neza. N’insiguro zitangwa n’icegera c’umumenyereza wuwo murwi wo mu ntara ya Makamba. Aimé Nzohabonayo ati : « Nta nakimwe kibuze kiretse ko ar’ibihe vy’umupira kandi birabaho. Si Aigle Noir CS gusa, imirwi myinshi iri mubihe bitari vyiza. Mu …

Read More »

Rumonge: Ivyo guterera umurwi nserukirantara vyarahagaritswe.

Buramatari w’intara ya Rumonge yarahagaritse ingingo yari yafashe yo gutoza intererano yo gushigikira umurwi nserukirantara mu mupira w’amaguru. Mw’itangazo ryo kw’igenekerezo rya 8.10.2021, Consolateur Nitunga yasavye abavuka ntara n’abakunzi b’uwo murwi kuwuterera. Muriryo tangazo yari yasohoye ubwa mbere yasaba abafise imiduga yunguruza abantu n’ibintu, ikinga canke ipikipiki zikoreshwa muri ako …

Read More »

Iyorohereze urugendo na ZELA TRANSPORT.

Woba umaze kwiyunguruza, umudugu ukwunguruje ukagahu amazi yo kunywa hamwe na Wi-Fi vyagusa? Abakiriya ba ZELA Transport Ivyo nahandi tubisanga atari muri ZELA TRANSPORT. ZELA TRANSPORT n’ishirahamwe rifise imodoka nziza zikiri nshasha kandi zigezweho zunguruza abantu mu buryo bwiza kandi bunyaruka ku biciro bitavuna. ZELA Transport ifise ibisata bibiri: AGENCE …

Read More »

Ligue B: Tigre Noir FC na New Force yaje iva he?

Ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri mu Burundi, Ligue B rizotangura icese mu mwaka waryo w’inkino wa 2021-2022 kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14 gitugutu 2021 nkuko Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB rimaze kubimenyesha. Ikirangaminsi Mu mirwi izo kwitabira iryo higanwa dusangamwo imirwi yaduze mu cicaro ca kabiri …

Read More »

Basketball: Urunani BBC na Gladiators niyo yatahunkanye Super Cup.

Kuruhande rw’abagabo kuri uyu w’Imana, umurwi w’Urunani BBC niwo watahukanye igikombe ca Super Cup mu nkino z’umupira w’amaboko (Basketball) utsinze umurwi wa New Star amanota 64 kuri 50. Urunani kugira rushike mu rukino rwa nyuma wari waratsinze umurwi wa Kern BBC amanota 57 kuri 49. Mugihe umurwi wa New Star …

Read More »

Rumonge: Les Crocos FC yahinduye umumenyereza!

Umurwi wa Les Crocos FC wo mu ntara ya Rumonge wahinduye umumenyereza, Jean Nahimana yirukanywe, Robert Bimenyimana akaba ariwe agiye kubandanya amenyereza uwo murwi. Impamvu Les Crocos FC itandukanye nuwo mu menyereza wa kera wa Moso Sugar Jean Nahimana, nuko umwimbu wiwe utari ushemeye mu nkino zitanu za Primus League …

Read More »
7.2 NGD Ads: