Burundi

#Burundi #Football: Eric Kwizera aremeza amakuru ava mu Rwanda.

Umukinyi wo kunimero icumi (numéro 10) yahora akinira umurwi wa Olympic Star mu mwaka w’inkino uheze wa 2019-2020, Eric Kwizera batazira « Kirungo » amakuru ava mu gihugu c’Urwanda avuga yuko uyo musore yoba amaze gusinyira umurwi wa Entincelles FC ikiringo c’imyaka ibiri kuzowukinira. Uyo musore w’imyaka 21 y’amavuko aremeze neza ko …

Read More »

#Burundi #Football. Flambeau Du Centre yaguze abakinyi indwi murabo harimwo babiri ba Musongati FC.

Umurwi wa Flambeau Du Centre (Messager Gitega) wamenyesheje ubicishije kurubuga rwa Academie Messager ko umaze kugirana amasezerano n’abakinyi indwi, murabo bakinyi harimwo Issa Hakizimana akina kuruhande rw’inyuma hamwe na Roger Bigirimana akina hagati abo bompi bakaba baguzwe bavuye mu murwi wa Musongati FC, umukeba wabo basangiye igisagara ca Gitega. Issa …

Read More »

#Burundi #JMTUpDates: Umukinyi Jospin NSHIMIRIMANA wa Aigle Noir CS Niwe Ari Kw’Isonga ry’Ibitsindo Uno Musi muri Bangabandhu Gold Cup.

Umugwi Aigle Noir Club Sportif wo mu Ntara ya Makamba, usanzwe ukina mu Cicaro ca Mbere mw’Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Burundi « FFB » niwo waserukiye igihugu c’Uburundi mw’Ihiganwa Mpuzamakungu ry’Umupira w’Amaguru ryo mu gihugu ca Bangladesh ririko rirabera mu gisagara ca Dhaka kuva kw’igenekerezo rya 12 gushika 15 Nzero 2020. Uno musi …

Read More »

#Burundi: Ihiganwa ry’Abatwaza Amakinga ry’uno Musi Ryatahukanywe na NKURUNZIZA Eric

Uno musi kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2019, haramutse hatunganywa ihiganwa ryabatwaza amakinga ryabereye i Magara muri Komine Bugarama mu Ntara ya Rumonge. Muri iryo higanwa ryabiruka bakoresheje amakinga, hari hitezwe abanonotsi batanu (5) bavuye mu Gitaza muri Komine Muhuta, basanzwe bimenyereza muri Gitaza Star Athletics Club, abandi batanu (5) bavuye …

Read More »

Rukinzo FC: Kashindi Joseph arashobora kutazokina urukino rwa Messager Ngozi FC.

Mu rukino umurwi wiwe wa Rukinzo FC watsinze Ngozi City (1-0), Kashindi Joseph yasohotse mu kibuga hakiri kare  kumunota wa 25′ kubera imvune aho uyo mukinyi wa kera wa Musongati FC yakubise hasi amano yiwe aca aravyimba. Iyo mvune yiwe biravurwa ko ashobora kumara iminsi iri hagati y’itanu canke indwi …

Read More »

Burundi Football: inkino z’indwi ya mbere uko zagenze kuruhande rw’abigeme.

Ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri kuruhande rw’abigeme ryaratanguye kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 gitugutu 2019 aho mundwi ya mbere umurwi wagaragaye cane ari Etoile De L’est wo mu ntara ya Ruyigi wagiye kunyagira Les Envoyées EF wo mu ntara ya Cibitoke (0-15). uku niko iyindi mirwi yatsindanye : Arena …

Read More »

Vital’O FC: Kanyenkore ngo yarashimishijwe no kunganya kuko yarahatswe gutsindwa na Inter Star.

Umumenyereza w’umurwi wa Vital’O FC avuga ko bashimishijwe no kunganya (1-1) n’umurwi wa Inter Star kuko ngo barahatswe. Jean Gilbert Kanyenkore batazira Youndé avuga kandi ko atarigera avuga imbere y’urukino ko aje gutsinda umukeba ariko agira ico avuga iyo abonye umurwi wiwe uratsinze. “Twashimishijwe kuko twari no gutsindwa. Urukino rwari …

Read More »

Vital’O FC: Iracarwanira igikombe ca Primus Ligue hambavu yo kurushwa na Messager Ngozi FC amanota 8.

Mugihe Messager Ngozi FC ubarizwa mu kibanza ca mbere n’amanota 23 urusha umurwi wa Vital’O FC uri mukibanza ca kane n’amanota 15 ngo uracarwanira igikombe ca Primus League nkuko bishikirizwa n’umumenyereza wuwo murwi. Jean Gilbert Kanyenkore avuga kandi ko ubu ariho ihiganwa ritanguye kuko nta murwi wovugako umaze gutahukana igikombe. …

Read More »

Vital’O FC: Youndé aremera ko hariho agahaze ku busatirizi bwiwe.

Umumenyereza wa Vital’O FC aremera ko hariho agahaze ku busatirizi bwuyo murwi bivanye nuko ata bitsindo vyinshi umurwi wiwe utsinda. Jean Gilbert Kanyenkore batazira Yaoundé avuga kandi ko ari bimwe mu bibazo bamaze iminsi bibaza ariko akavuga ko bagiye kwisubirako. “Nivyo ntituriko turatsinda ibitsindo vyinshi, natwe turibaza ico kibazo zibaye …

Read More »

Messager Ngozi FC: Gutsinda Athlético Academy vyarabahaye icizere co gutahukana igikombe.

Umumenyereza w’umurwi wa Messager Ngozi FC, Jimmy Ndayizeye avuga ko gutsinda Athletico Academy (2-1)  kuribo vyabahaye icizero co gutahukana igikombe c’uno mwaka w’inkino narirya ariryo hangiro uyo murwi ufise. Uyo mumenyereza wa kera wa Muzinga FC yagize ati imbere ya bamenyeshamakuru: “Egome gutsinda uno munsi biduha icizere kuko niryo hangiro …

Read More »

Musongati FC : Ihangiro ryuwo murwi ntiriramenyekana !

Ihangiro ry’umurwi wa Musongati FC ntiriramenyeka muri uno mwaka w’inkino kiretse ko ihangiro ry’uwo murwi rizomenyekana mugice ca kabiri c’ihiganwa rya Primus League Burundi nkuko bishikirizwa n’umumenyereza wuwo murwi ukunzwe cane mu ntara ya Gitega. Niyonkuru Djumaine amenyesha ko bazogira ico bavuze igikorwa bafise ubu nico kubaka umurwi wa Musongati …

Read More »

Musongati FC : Ntiyigeze ivuga ko izotahukana igikombe !

Umumenyereza w’umurwi wa Musongati FC w’i Gitega yamenyesheje ko bo batigeze bavuga kuva mu ntango z’ihiganwa yuko bazotahukana igikombe ca Primus Ligue Burundi muri uno mwaka w’inkino. Djumanine Niyonkuru  akaba yarabivugiye mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma yo kunganya na Lydia Ludic Burundi Sport 4 Africa (0-0) yagize ati :  « Sinigeze mvuga ko …

Read More »

Messager Ngozi FC: Arthur Nibikora aracafise vyinshi vyo gukosora.

Umusatirizi akiri muto wa Messager Ngozi FC, Arthur Nibikora ngo aracafise vyinshi vyo gukosora na cane cane muvyo kuduza urugero rwiwe nkuko bivurwa n’umumenyereza wiwe. Jimmy Ndayizeye avuga kandi ko bagiye gufasha uwo musatirizi mu bitari kike kugira ngo abandanye atera imbere. “Uravye uko Arthur yatanguye ihiganwa neza wabonako ari …

Read More »

Vital’O FC: Kanyenkore yagize ico ahanura umurwi wa Inter Star.

Umurwi wa Inter Star uhanurwa kubandanya ukina uko wakinye na Vital’O FC. Izo ni mpanuro z’umumenyereza wa Vital’O FC Jean Gilbert Kanyenkore aho ahanura kandi Inter Star ko umurwi atari Vital’O FC wonyene. Staff ya Vital’O FC na Staff ya Inter Star. “Urukino rwari rwiza cane ku mpande zose, Inter …

Read More »

Kayanza United: Aimé Nzohabona yirukanywe yavyiteguriye !

Umumenyereza wa kera wa Kayanza United aherutse kwirukanwa muri uyo murwi aho yagirizwa umwimbu muke, yaje kwirukanwa nawe amaze kuvyitegurira mu mutwe. N’inyuma yaho uyo murwi utsindiwe (5-0) na Bujumbura City. Icerekana ko Aimé Nzohabonayo yari yavyiteguriye niri jambo yabwiye abamenyeshamakuru inyuma y’urukino rwa Buja City bamubaza kukibazo cuko atankurikizi …

Read More »
7.2 NGD Ads: