East Africa

Ligue B: Tigre Noir FC na New Force yaje iva he?

Ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri mu Burundi, Ligue B rizotangura icese mu mwaka waryo w’inkino wa 2021-2022 kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14 gitugutu 2021 nkuko Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB rimaze kubimenyesha. Ikirangaminsi Mu mirwi izo kwitabira iryo higanwa dusangamwo imirwi yaduze mu cicaro ca kabiri …

Read More »

Basketball: Urunani BBC na Gladiators niyo yatahunkanye Super Cup.

Kuruhande rw’abagabo kuri uyu w’Imana, umurwi w’Urunani BBC niwo watahukanye igikombe ca Super Cup mu nkino z’umupira w’amaboko (Basketball) utsinze umurwi wa New Star amanota 64 kuri 50. Urunani kugira rushike mu rukino rwa nyuma wari waratsinze umurwi wa Kern BBC amanota 57 kuri 49. Mugihe umurwi wa New Star …

Read More »

Rumonge: Les Crocos FC yahinduye umumenyereza!

Umurwi wa Les Crocos FC wo mu ntara ya Rumonge wahinduye umumenyereza, Jean Nahimana yirukanywe, Robert Bimenyimana akaba ariwe agiye kubandanya amenyereza uwo murwi. Impamvu Les Crocos FC itandukanye nuwo mu menyereza wa kera wa Moso Sugar Jean Nahimana, nuko umwimbu wiwe utari ushemeye mu nkino zitanu za Primus League …

Read More »

Primus League: Ivyavuye mu ndwi ya gatanu hamwe nuko irushanya amanota.

Indwi igira gatanu y’ihiganwa rya Primus League Burundi, imirwi yatsindanye uku gukurikira. Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 26.09.2021. Les Crocos FC 1-2 Bumamuru FC Athletico New Oil 1-0 Messager Ngozi FC Flambeau Du Centre 1-0 Royal FC Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25.09.2021. Musongati FC 3-0 Kayanza United Flambeau …

Read More »

Primus League: Les Crocos FC vyankira he?

Umurwi wa Les Crocos FC niwo murwi wonyene ukina Primus League gushika ubu utararonka inota muri uno mwaka w’inkino 2021-2022 mu nkino zitanu umaze gukina. Bamwe mu bakunzi buwo murwi baribaza igituma umurwi wabo utariko uraronka amanota atatu ico bivako. Bamwe bati: « Abakinyi Les Crocos FC yazanye ntibashoboye ihiganwa ryo …

Read More »

Rwanda: Coutinho yasinye muri Kiyovu Sports.

Umurwi wa Kiyovu Sports wo mugihugu c’Urwanda ubicishije ku rubuga rwayo rwa facebook wamenyesheje ko wasinyishije umusatirizi w’Umurundi Bizimana Amissi batazira « Coutinho ». BIZIMANA Amissi « Coutinho » Kiyovu Sports ntiyamenyesheje ikiringo yasinyishije Coutinho. Bizimana Amissi yahora akinira umurwi wa Sofapaka wo mugihugu ca Kenya. Agiye gukorana n’umumenyereza w’Umurundi Haringingo Mbaya Francis. Mu …

Read More »

Tanzania: Young Africans yagarukanye Kaze Cedric!

Umurwi wa Young Africans wo mugihugu ca Tanzania wamenyesheje ubicishije kurubuga rwayo rwa facebook ko ugarukanye umumenyereza w’Umurundi Kaze Cedric yahora amenyereza uwo murwi nyene mu mwaka uheze w’inkino. Kaze Cedric ibubamfu. Kaze Cedric ntagarukanywe mu murwi wa Young Africans nk’umumenyereza mukuru ahubwo ko yagarukanywe nk’icegera c’umumenyereza Nasreddine Nabi umunyatunisia …

Read More »

Primus League: Musongati FC, Flambeau Du Centre, Athletico New Oil Academy, Vital’O FC… ntivyagenze neza.

Ihiganwa rya Primus League Burundi ryari rigeze mu ndwi yaryo igira kane kuva kuri uyu wa gatanu w’indwi iheze. Umurwi wa Bujumbura City utari bwaronke amanota atatu, kuri uyu wa gatanu watsindiye ku kibuga Intwari umurwi wa Flambeau Du Centre ibitsindo (2-1). Vital’O FC wari wagendeye umurwi wa Royal FC …

Read More »

Classement FIFA : Uburundi bwakorotse ikibanza kimwe!

Uburundi  bwakorotse ikibanza kimwe ku rutonde rusohorwa n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru kw’isi FIFA buri kwezi. Mu rutonde rwasohowe kuri uyu wa kane niryo shirahamwe rwo mu kwezi k’icenda, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uri mukibanza 141 mugihe mu kwezi guheze wari mu kibanza 140. Mu karere k’Afrika y’ubuseruko kagizwe n’Ibihugu 6, Uburundi …

Read More »

CAF: Imirwi yaserukiye Uburundi yatunguye inganya.

Messager Ngozi FC na Bumamuru FC yaserukiye Uburundi mu mahiganwa ya CAF Champions League na Confederation Cup yatanguye inkino za mbere inganya murayo mahiganwa. Kuri uyu wa gatandatu muri CAF Champions League, Messager Ngozi FC wari wagendeye umurwi wa Union Sportive de la Gendarmerie wo mugihugu ca Niger, wanganije igitsindo …

Read More »

Confederation Cup : Pierrot Kwizera yafashije AS Kigali imbere ya Olympique de Missiri.

Umurwi wa AS Kigali watsinze umurwi wa Olympique de Missiri uwusanze iwabo mw’izinga rya Comores ibitsindo (1-2) mu rukino rwa mbere ruhuza imirwi ya tahukanye ibikombe vyo mubihugu vyabo muri Afrika (Confederation cup). Pierrot Kwizera umukinyi wo hagati yamuka i Burundi niwe yatanguye kwugurura imiryago hama Robert Saba arinjiza igitsindo …

Read More »

Burundi: Fiston Abdul Razaq yasinye muri Maroc.

Umusatirizi w’Umurundi Fiston Abdul Razak yasinye amasezerano y’imyaka ibiri yo gukinira umurwi wa Olympique Club Khouribga wo mucicaro ca mbere mugihugu ca Maroc. Fiston Abdul Razaq Olympique Club Khouribga ubaye umurwi ugira 11, Fiston Abdul Razq agiye gukinira. Uwo musatirizi w’imyaka 28 amaze gukinira imirwi nka: LLB Académic, Rayon Sports, …

Read More »

Athlétisme : Francine Niyonsaba arahumye!

Umunonotsi w’Umurundikazi Francine Niyonsaba yasubiriye kuba uwa mbere muri meeting ya Diamond League ihejeje kubera i Zurich mugihugu ca Suisse. Ku kirere c’imetero ibihumbi bitanu (5.000m), Niyonsaba yacirutse umwanya ungana n’iminota 14′ 28′ 98″‘, akaba yasize umunya Kenyakazi Hallen Obiri amaze iminsi amukurikira. Francine NIYONSABA. Francine Niyonsaba amaze iminsi aba …

Read More »

Match Amical: Abakinyi 11 b’Intamba Murugamba batangura kurukino rwa Seychelles.

Mu rukino rusigaje iminota 10 gusa kugira ngo rutangure hagati y’umurwi nserukiragihu w’Uburundi Intamba Murugamba na Seychellles, urutonde rw’abatangura kuruhande rw’Uburundi bamaze kumenyekana ni: 1) Ndikumana Justin (GK)2) Muryango Moussa3) Dieu Merci4) Hakizimana Issa5) Nshimirimana Ismail6) Styves Nzigamasabo7) Ntibazonkiza Saidi (C)8) Ngabonziza Blanchard9) Nimubona Emery10) Shaka Tresor11) Bigirimana Blaise               

Read More »

Match Amical: Burundi vs Seychelles

Hasigaye iminota 25 gusa kugira ngo umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba Murugamba winjire mu kibuga gutana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Seychelles mu rukino rwa kivandimwe ruzagutangura igihe c’isaha icumi (16H00) amasaha y’iBurundi. Urwo rukino ruza kubera mugihugu ca Seychelles. Uhereye iburyo ni Omar Ntakagero, Joslin Bipfubusa na Amidou Hassan abamenyereza …

Read More »
7.2 NGD Ads: