East Africa

Olympic Star: Pascal Ramadhan yerekeje mu Rwanda.

Kizigenza w’umurwi wa Olympic Star yuriye indege kuri uyu wa gatandatu igihe c’isaha umunani amasaha y’iBurundi (14h00), igana mugihugu kibanyi c’Urwanda aho agiye mwigeragezwa mu murwi wa Mukura Victory. Pascal Ramadhan Umurwi wa Mukura Victory niwo wamutumyeko kugira ngo ajeyo mwigeragezwa nkuko tubisanga mw’ikete ryo kuwa 30 myandagaro 2021 uwo …

Read More »

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu : Vital’O FC na Flambeau Du Centre imaze guhonyoza ukuguru kumwe murukino rwanyuma.

Imirwi ya  Vital’O FC na Flambeau Du Centre  imaze guhonyoza ukuguru kumwe murukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu inyuma yo kwigenza neza mu nkino za mbere zico gikombe. Murukino rwa mbere rwabereye ku kibuga Intwari hari kuri uyu wa gatatu, Vital’O FC waravyifashemwo neza mugutsinda umurwi wa Bumamuru FC ibitsindo …

Read More »

Primus League: Igikombe kirayicitse Musongati FC!

Inyuma yo gutsindirwa muhira ku kibuga Ingoma igitsindo (0-1) n’umurwi wa BS Dynamik, Musongati FC ntishobora gutahukana igikombe c’uno mwaka ca Primus League Burundi. Ivyayo birarangiriye aho. Naho imirwi nka: Kayanza United ifise amanota 52, Flambeau Du Centre na Messager Ngozi FC ifise amanota 51 itarakina yoramuka itsinzwe, Musongati FC …

Read More »

Rwanda : AS Muhanga yatandukanye na Ismail Jean Marie Nduwantare.

Inyuma yo gutsindirwa muhira n’umurwi wa Gorilla FC ibitsindo (1-2) hari kw’igenekerezo rya 11 rusama uyu mwaka, umurwi wa AS Muhanga bukeye bwaho, waciye ufata ingingo yo gutandukanya n’umumenyereza wayo yamuka i Burundi, Ismail Jean Marie Nduwantare. Icatumye uyo murwi ufata iyo ngingo,  nuko uyo murwi utararonka inota  narimwe mu …

Read More »

Burundi : Daniella Niyibimenya yatumyeko abakinyi 32 kuza kwitegurira Eritrea.

Umumenyereza mukuru w’Intamba Murugamba z’abigeme, Daniella Niyibimenya yashize ahabona kuri uyu wa gatatu, urutonde rw’abakinyi 32 yahamagaye kuza gutegura inkino zibiri zizobahuza n’umurwi nserukiragihugu wa Eritrea muri za nkino zo kurondera itike y’igikombe c’Afrika CAN y’abigeme izobera mugihugu ca Maroc 2022. Muri urwo rutonde rwabo bakinyi, dusangamwo abakinyi batandatu bakina …

Read More »

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu : Hazoca uwambaye hagati ya Musongati FC na Flambeau Du Centre.

Uko imirwi izohura mugice ca kabiri gishira icanyuma mugikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu imaze kumenyekana, igisigaye nuko tumenya umurwi uzotangura kwakira uwundi hamwe n’igenekerezo izo nkino zizoberako. Umurwi wa Musongati FC uzotana mu mitwe n’umurwi wa Flambeau Du Centre basangiye intara ya Gitega. Vital’O FC  uzotana mu mitwe n’umurwi wa Bumamuru …

Read More »

Rwanda Premier League : Etienne Ndayiragije atanguye nabi muri Kiyovu Sports.

Mu rukino rwiwe rwa mbere  rw’ihiganwa rikuru ryo mugihugu c’Urwanda, Etienne Ndayiragije umumenyereza w’Umurundi amenyereza umurwi wa Kiyovu Sports atanguye atsindwa n’umurwi wa Gasogi United ukinamwo Iddy Museremu, ibitsindo (2-1) murukino ruhejeje gukinwa rw’indwi ya gatatu ya Rwanda Premier League. Etienne Ndayiragije umumenyereza wa Kiyovu Sports mu Rwanda. Uyo mumenyereza …

Read More »

Uganda : Prezida Yoweri Museveni yashimiye Denis Onyango.

Umukuru w’Igihugu ca Uganda, Yoweri Musaveni yagabiye Denis Onyango umuduga wo mubwoko bwa Sports Pajero nk’agashimwe bivanye n’akazi kiwe keza cane yakoreye  umurwi nserukiragihugu wa Uganda « The Cranes » ko kuwusamira ikiringo c’imyaka 16. Umuduga Denis Onyango yagabiwe na Prezida Museveni. Uwo yahoze ari kizigenza wa Uganda Cranes, aherutse kumenyesha ko ahagaritse …

Read More »

Rwanda Premier League: Tshabalala arahumye mu Rwanda.

Umusatirizi w’Umurundi akinira umurwi wa AS Kigali, Hussein Shaban batazira « Tshabalala » arahumye mw’ihiganwa rya Rwanda Premier League. Tshabalala kuri uyu wa gatanu yaraye afashije umurwi wiwe wa AS Kigali gutsinda umurwi wa Etincelles FC ibitsindo (2-1) mw’ihiganwa rikuru ryo murico gihugu. Ivyo bitsindo bibiri batsinze Etincelles FC, Tshabalala niwe yavyinjije. …

Read More »

Coupe du Président: Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC vyagenze neza mu nkino za mbere.

Imirwi ya Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC yavyifashemwo neza mu nkino za mbere z’igice ca kane gishira icanyuma mu nkino z’igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu,  mu kurindira inkino zogusubiza. Kuri uyu wa gatatu  igenekerezo rya 05.05.2021, hakinywe urukino rumwe gusa; Flambeau Du Centre yanyagiye umurwi basangiye …

Read More »

Basketball: Kern yatahukanye igikombe ca playoffs utsinze Dynamo.

Umurwi wa Kern BBC uherutse gutahukana ihiganwa ry’igikombe c’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mugisagara ca Bujumbura ACBAB, waraye wiyongeye ikindi gikombe ca ACBAB Playoffs utsinze umurwi wa Dynamo BBC intsinzi zitatu kuri imwe. Umurwi wa Kern BBC wigina intsinzi. Ifoto ya Akeza.Net Intsinzi zitatu mu nkino zitanu nizo zasabwa kugira ngo umwe …

Read More »

Rwanda Premier League: Ndarusanze Jean Claude « Lambalamba » ahejeje gufasha Rutsiro FC gutsinda Kiyovu Sports.

Umusatirizi yamuka mugihugu c’Uburundi, Ndarusanze Jean Claude batazira « Lambalamba » ahejeje gufasha umurwi wiwe wa Rutsiro FC gutahukana amanota atatu ya mbere mugutsinda umurwi wa Kiyovu Sports ibitsindo (2-1) mw’ihiganwa ryo mucicaro ca mbere mugihugu c’Urwanda. Murivyo bitsindo (2-1), Rutsiro FC ihejeje gutsinda Kiyovu Sports, uwo musatirizi wa kera wa Kayanza …

Read More »

Primus League: Flambeau Du Centre iracari mukibanza ca mbere. Inter Star munzira igana muri Ligue B.

Umurwi wa Flambeau Du Centre wari warangije indwi ya 26 y’ihiganwa rya Primus League Burundi uri mukibanza ca mbere, wasubiye kurangiza indwi ya 27 uri murico kibanza nyene inyuma yo gutsinda umurwi wa Vital’O FC ibitsindo  (2-1)  kuri uyu wa gatanu ku kibuga Urumuri mu ntara ya Ruyigi. Umurwi wa …

Read More »

Ligue B: Les Crocos FC iragarutse muri Primus League.

Umurwi wa Les crocos FC wo mu ntara ya Rumonge wahambije imirwi ya Top Junior wo mu ntara ya kayanza hamwe n’umurwi wa Flambeau De L’est wo mu ntara ya Ruyigi mu mirwi izokwitabira inkino zo mucicaro ca mbere Primus League Burundi mu mwaka uza w’inkino wa 2021-2022. N’inyuma yaho …

Read More »

Ligue B : Les Crocos FC umaze gushinga ukuguru kumwe muri Primus League.

Mu rukino rwa mbere rw’ijonjora rwo kurondera kuduga mucicaro ca mbere Primus League rwabereye i Muyinga ku kibuga Umuco, umurwi wa New Oil FC watsindiwe muhira mu rukino wari  wakiriye umurwi wa Les Crocos FC wo muntara ya Rumonge, igitsindo (0-1). Umurwi wa Les Crocos FC umaze gushinga ukuguru kumwe …

Read More »
7.2 NGD Ads: