East Africa

Primus League: Uko imirwi yatsindanye hamwe nuko isumbana amanota, indwi ya 26.

Uko imirwi yatsindanye inkino zose zakinywe kuva kuri uyu wa gatanu gushika kuri uyu wa gatandatu. Kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 17.04.2021. Bumamuru FC 2-0 Rukinzo FC Aigle Noir CS 1-0 Inter Star Buja City 3-0 Atletico Academy. Kuri uyu wa gatanu igekerezo rya 16.04.2021. Kayanza United 1-0 Musongati …

Read More »

Primus League: Musongati FC yatakaje ikibanza ca mbere, Flambeau Du Centre mu kibanza ca mbere ivyagateganyo.

Umurwi wa Kayanza United muhira ku kibuga Gatwaro bahatsindiye umurwi wa Musongati FC igitsindo  (1-0), biciye bituma uyo murwi w’i Gitega wari waraye  mukibanza ca mbere mu ndwi ya 25 ugitakaza. Vital’O FC wanganije (1-1) na Messager Ngozi FC ku kibuga Intwari. Flambeau Du Centre yagiye gutsindira umurwi wa Les …

Read More »

Umurwi wa Rutsiro FC wasinyishije Ndarusanze Jean Claude.

Umurwi wa Rutsiro FC  uherutse kuduga mu cicaro ca mbere mugihugu c’Urwanda wasinyishije umusatirizi w’Umurundi  Ndarusanze Jean Claude batazira « Lamba Lamba ». Ndarusanze Jean Claude Lamba Lamba mu myimenyerezo y’umurwi wiwe wa Rutsiro FC. Uyo musatirizi wa kera yahora akinira umurwi wa kayanza United mu mwaka w’inkino uheze wa 2019-2020, ariko …

Read More »

Primus League: Urutonde rw’inkino zizokinwa z’indwi ya 26.

Ihiganwa ryo mucicaro ca mbere mugihu c’Uburundi ririko rija ku musozo waryo, rikaba risigaje inkino zitanu kuri buri murwi kugira ngo rirangire. Kuri uyu wa gatanu no kuwa gatandatu rizokwinjira mu ndwi yaryo igira 26, inkino zikazobera ku bibuga bitandukanye vyo murico gihugu. Izi nizo nkino zizokinwa ziyo ndwi. Kuri …

Read More »

Musongati FC : Rukundo Jean De Dieu yarashikirijwe agashimwe kiwe.

Umumenyereza w’umurwi wa Musongati FC w’i Gitega yararonkejwe agashimwe kiwe k’umumenyereza yigenjeje neza gusumba abandi muri Primus League k’ukwezi kwa kabiri gatangwa na Club BCM Burundi. Hari kuri uyu w’Imana i Gitega kuri Stade Ingoma imbere yuko batana mu mitwe n’umurwi wa Aigle Noir CS batsinze (1-0). Umumenyereza Rukundo Jean …

Read More »

#PrimusLeague: Uko imirwi yatsindanye hamwe nuko irushanya amanota mu ndwi ya 25.

Indwi ya 25 y’ihiganwa ryo mucicaro ca mbere mu Burundi Primus League, umurwi w’Igiporisi c’Uburundi, Rukinzo FC uhiganirwa ikibanza ca mbere  watsinze umurwi wa Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga ibitsindo (2-1). Umurwi wa Inter Star watsindiwe muhira ku ku kibuga Intwari n’umurwi wa Kayanza United  ibitsindo (0-2). Ku …

Read More »

#Burundi #Football: Uburundi buzotana mumitwe na Misiri.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, Intamba Murugamba uzotana mumitwe n’umurwi userukira Igihugu ca Misiri Les Pharaohs mu rukino rwakivandimwe rutegekanijwe, igenekerezo rya 3 ruheshi 2021, rukazobera I Cairo mugihugu ca Misiri (Egypte), nkuko vyamenyeshejewe na Reverien Ndikuriyo arongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru m’Uburundi FFB, abicishije kurubuga rwiwe rwa facebook.

Read More »

#Burundi #Football: Urutonde rwa Vital’O FC rugiye kwerekeza muri Tanzania gutana mu mitwe na Simba SC.

Umurwi wa Simba SC wo mugihugu ca Tanzania waratumiye umurwi wa Vital’O FC mu birori vyawo bise « Simba Day », muntumbero yo kuzotana mu mitwe mu rukino rwakivandimwe rutegekanijwe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22 myandagaro 2020.  Urwo rukino, rukazobera ku kibuga citiriwe Mkapa mu gisagara ca Dar-Es Salam, rukazokinwa …

Read More »

#Burundi #Football: Eric Kwizera aremeza amakuru ava mu Rwanda.

Umukinyi wo kunimero icumi (numéro 10) yahora akinira umurwi wa Olympic Star mu mwaka w’inkino uheze wa 2019-2020, Eric Kwizera batazira « Kirungo » amakuru ava mu gihugu c’Urwanda avuga yuko uyo musore yoba amaze gusinyira umurwi wa Entincelles FC ikiringo c’imyaka ibiri kuzowukinira. Uyo musore w’imyaka 21 y’amavuko aremeze neza ko …

Read More »

#Burundi #Football. Flambeau Du Centre yaguze abakinyi indwi murabo harimwo babiri ba Musongati FC.

Umurwi wa Flambeau Du Centre (Messager Gitega) wamenyesheje ubicishije kurubuga rwa Academie Messager ko umaze kugirana amasezerano n’abakinyi indwi, murabo bakinyi harimwo Issa Hakizimana akina kuruhande rw’inyuma hamwe na Roger Bigirimana akina hagati abo bompi bakaba baguzwe bavuye mu murwi wa Musongati FC, umukeba wabo basangiye igisagara ca Gitega. Issa …

Read More »

#Burundi #JMTUpDates: Umukinyi Jospin NSHIMIRIMANA wa Aigle Noir CS Niwe Ari Kw’Isonga ry’Ibitsindo Uno Musi muri Bangabandhu Gold Cup.

Umugwi Aigle Noir Club Sportif wo mu Ntara ya Makamba, usanzwe ukina mu Cicaro ca Mbere mw’Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Burundi « FFB » niwo waserukiye igihugu c’Uburundi mw’Ihiganwa Mpuzamakungu ry’Umupira w’Amaguru ryo mu gihugu ca Bangladesh ririko rirabera mu gisagara ca Dhaka kuva kw’igenekerezo rya 12 gushika 15 Nzero 2020. Uno musi …

Read More »

#Tanzania: Diamond Platnumz, Samuel Eto’o mu Migambi yo Gutanguza Ishure ry’Umupira w’Amagaru.

Umuririmvyi mpuzamakungu w’Umutanzaniya, Nasibu Abdul, benshi kw’isi bazi kw’izina ryiwe ry’umwuga nka « Diamond Platnumz », aheruka kumenyesha ibinyamakuru ko ari mu biyago bidasanzwe kandi bimaze igihe n’Umukinyi mpunzamakungu w’Umupira w’Amaguru aturuka mu gihugu ca Kamerune, azwi kw’izina ryiwe rya « Samuel Eto’o », ku bijanye n’ukuntu boshinga ishure ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca …

Read More »

#Burundi: Ihiganwa ry’Abatwaza Amakinga ry’uno Musi Ryatahukanywe na NKURUNZIZA Eric

Uno musi kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2019, haramutse hatunganywa ihiganwa ryabatwaza amakinga ryabereye i Magara muri Komine Bugarama mu Ntara ya Rumonge. Muri iryo higanwa ryabiruka bakoresheje amakinga, hari hitezwe abanonotsi batanu (5) bavuye mu Gitaza muri Komine Muhuta, basanzwe bimenyereza muri Gitaza Star Athletics Club, abandi batanu (5) bavuye …

Read More »

Rukinzo FC: Kashindi Joseph arashobora kutazokina urukino rwa Messager Ngozi FC.

Mu rukino umurwi wiwe wa Rukinzo FC watsinze Ngozi City (1-0), Kashindi Joseph yasohotse mu kibuga hakiri kare  kumunota wa 25′ kubera imvune aho uyo mukinyi wa kera wa Musongati FC yakubise hasi amano yiwe aca aravyimba. Iyo mvune yiwe biravurwa ko ashobora kumara iminsi iri hagati y’itanu canke indwi …

Read More »

Burundi Football: inkino z’indwi ya mbere uko zagenze kuruhande rw’abigeme.

Ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri kuruhande rw’abigeme ryaratanguye kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 gitugutu 2019 aho mundwi ya mbere umurwi wagaragaye cane ari Etoile De L’est wo mu ntara ya Ruyigi wagiye kunyagira Les Envoyées EF wo mu ntara ya Cibitoke (0-15). uku niko iyindi mirwi yatsindanye : Arena …

Read More »
7.2 NGD Ads: