Rwanda

Rwanda: Coutinho yasinye muri Kiyovu Sports.

Umurwi wa Kiyovu Sports wo mugihugu c’Urwanda ubicishije ku rubuga rwayo rwa facebook wamenyesheje ko wasinyishije umusatirizi w’Umurundi Bizimana Amissi batazira « Coutinho ». BIZIMANA Amissi « Coutinho » Kiyovu Sports ntiyamenyesheje ikiringo yasinyishije Coutinho. Bizimana Amissi yahora akinira umurwi wa Sofapaka wo mugihugu ca Kenya. Agiye gukorana n’umumenyereza w’Umurundi Haringingo Mbaya Francis. Mu …

Read More »

Confederation Cup : Pierrot Kwizera yafashije AS Kigali imbere ya Olympique de Missiri.

Umurwi wa AS Kigali watsinze umurwi wa Olympique de Missiri uwusanze iwabo mw’izinga rya Comores ibitsindo (1-2) mu rukino rwa mbere ruhuza imirwi ya tahukanye ibikombe vyo mubihugu vyabo muri Afrika (Confederation cup). Pierrot Kwizera umukinyi wo hagati yamuka i Burundi niwe yatanguye kwugurura imiryago hama Robert Saba arinjiza igitsindo …

Read More »

Olympic Star: Pascal Ramadhan yerekeje mu Rwanda.

Kizigenza w’umurwi wa Olympic Star yuriye indege kuri uyu wa gatandatu igihe c’isaha umunani amasaha y’iBurundi (14h00), igana mugihugu kibanyi c’Urwanda aho agiye mwigeragezwa mu murwi wa Mukura Victory. Pascal Ramadhan Umurwi wa Mukura Victory niwo wamutumyeko kugira ngo ajeyo mwigeragezwa nkuko tubisanga mw’ikete ryo kuwa 30 myandagaro 2021 uwo …

Read More »

Rwanda : AS Muhanga yatandukanye na Ismail Jean Marie Nduwantare.

Inyuma yo gutsindirwa muhira n’umurwi wa Gorilla FC ibitsindo (1-2) hari kw’igenekerezo rya 11 rusama uyu mwaka, umurwi wa AS Muhanga bukeye bwaho, waciye ufata ingingo yo gutandukanya n’umumenyereza wayo yamuka i Burundi, Ismail Jean Marie Nduwantare. Icatumye uyo murwi ufata iyo ngingo,  nuko uyo murwi utararonka inota  narimwe mu …

Read More »

Rwanda Premier League : Etienne Ndayiragije atanguye nabi muri Kiyovu Sports.

Mu rukino rwiwe rwa mbere  rw’ihiganwa rikuru ryo mugihugu c’Urwanda, Etienne Ndayiragije umumenyereza w’Umurundi amenyereza umurwi wa Kiyovu Sports atanguye atsindwa n’umurwi wa Gasogi United ukinamwo Iddy Museremu, ibitsindo (2-1) murukino ruhejeje gukinwa rw’indwi ya gatatu ya Rwanda Premier League. Etienne Ndayiragije umumenyereza wa Kiyovu Sports mu Rwanda. Uyo mumenyereza …

Read More »

Rwanda Premier League: Tshabalala arahumye mu Rwanda.

Umusatirizi w’Umurundi akinira umurwi wa AS Kigali, Hussein Shaban batazira « Tshabalala » arahumye mw’ihiganwa rya Rwanda Premier League. Tshabalala kuri uyu wa gatanu yaraye afashije umurwi wiwe wa AS Kigali gutsinda umurwi wa Etincelles FC ibitsindo (2-1) mw’ihiganwa rikuru ryo murico gihugu. Ivyo bitsindo bibiri batsinze Etincelles FC, Tshabalala niwe yavyinjije. …

Read More »

Rwanda Premier League: Ndarusanze Jean Claude « Lambalamba » ahejeje gufasha Rutsiro FC gutsinda Kiyovu Sports.

Umusatirizi yamuka mugihugu c’Uburundi, Ndarusanze Jean Claude batazira « Lambalamba » ahejeje gufasha umurwi wiwe wa Rutsiro FC gutahukana amanota atatu ya mbere mugutsinda umurwi wa Kiyovu Sports ibitsindo (2-1) mw’ihiganwa ryo mucicaro ca mbere mugihugu c’Urwanda. Murivyo bitsindo (2-1), Rutsiro FC ihejeje gutsinda Kiyovu Sports, uwo musatirizi wa kera wa Kayanza …

Read More »

Umurwi wa Rutsiro FC wasinyishije Ndarusanze Jean Claude.

Umurwi wa Rutsiro FC  uherutse kuduga mu cicaro ca mbere mugihugu c’Urwanda wasinyishije umusatirizi w’Umurundi  Ndarusanze Jean Claude batazira « Lamba Lamba ». Ndarusanze Jean Claude Lamba Lamba mu myimenyerezo y’umurwi wiwe wa Rutsiro FC. Uyo musatirizi wa kera yahora akinira umurwi wa kayanza United mu mwaka w’inkino uheze wa 2019-2020, ariko …

Read More »

#Burundi #Football: Eric Kwizera aremeza amakuru ava mu Rwanda.

Umukinyi wo kunimero icumi (numéro 10) yahora akinira umurwi wa Olympic Star mu mwaka w’inkino uheze wa 2019-2020, Eric Kwizera batazira « Kirungo » amakuru ava mu gihugu c’Urwanda avuga yuko uyo musore yoba amaze gusinyira umurwi wa Entincelles FC ikiringo c’imyaka ibiri kuzowukinira. Uyo musore w’imyaka 21 y’amavuko aremeze neza ko …

Read More »

#Burundi #Rwanda: Isinya rya Pierrot Kwizera muri AS Kigali ryakiriwe nabi nabamwe mubakunzi b’umupira wa maguru mu Burundi.

Mugihe kuri uyu wa mbere mu masaha y’ijoro ariho haje kumenyekana amakuru ko umukinyi  mpuzamakungu wo hagati w’Umurundi Pierrot kwizera yasinye amasezerano y’imyaka ibiri yo gukinira umurwi wa AS Kigali wo mugihugu c’Urwanda, inkuru itakiriwe neza n’abamwe mubakunzi b’umupira wa maguru mugihugu c’Uburundi. Kumbuga ngurukana bumenyi abo bakunzi bakimara kubona …

Read More »

#Burundi #Rwanda: Ngando Omar na mukuru wiwe basinye muri Al Bishair wo muri Oman.

Umurwi wo mu cicaro ca mbere mugihugu ca Oman wa Al Bishair wasinyishije abavukanyi babiri, umwe n’umurundi Ngando Omar asanzwe ari bitumwako no mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba Murugamba hamwe na mukuru wiwe Ally Niyonzima wewe asanzwe akinira umurwi nserukiragihugu w’Urwanda nkuko vyandikwa n’umumenyeshamakuru Jean Luc Imfurayacu akorera Radio 10 …

Read More »

#Burundi #Rwanda #Football: Amars Akbar Niyongabo niwe yahawe amabanga yo kumenyereza umurwi wa Musanze FC.

Inyuma yaho Ismaïl Jean Marie Nduwantare aherewe amabanga yo kumenyereza umurwi wa Gicumbi FC wo mugihugu c’Urwanda, uwundi mu menyereza w’umurundi ariwe Amars Akbar Niyongabo yahawe amabanga nawe yo kumenyereza umurwi wa Musanze FC wo murico gihugu nyene. Murayo mabanga Amars Akbar Niyongabo yahawe yo kumenyereza umurwi  wa Musanze FC …

Read More »

#Burundi #Rwanda: Umurwi wa Gicumbi FC wo mu Rwanda uzomenyerezwa n’umurundi.

Umurwi wa Gicumbi FC usanzwe ukina icicaro ca mbere mugihugu c’Urwanda Azam Rwanda Premier League uzomenyerezwa n’umumenyereza w’umurundi azwi kwizina rya Ismail Jean Marie Nduwantare yahora amenyereza mu mwaka uheze umurwi wa Les Jeunes Athletics wo mucicaro ca kabiri. Umurwi wa Gicumbi FC wo mugihugu c’Urwanda. Jean Marie Nduwantare asanzwe …

Read More »

#Burundi #Rwanda: Icatumye Moussa Muryango adakinira Rayon Sports.

Kizigenza w’Intamba Murugamba zabatarenza imyaka 23 hamwe n’umurwi wa Vital’O FC asanzwe ari umukinyi w’inyuma muriyo mirwi,  Moussa Muryango ntivyabaye bigikunda ko aguma mugihugu c’Urwanda aho yaragiye kuvugana n’abasanzwe barongoye umurwi wa Rayon Sports kugira ngo azowukinire mu mwaka uza. Icatumye  uyo mukinyi wa kera wa Inter Star ataguma muri …

Read More »

#Burundi #Rwanda: Irakoze Saidi yasinye mu murwi wa Rayon Sports.

Umusatirizi w’Intamba Murugamba zabatarenza imyaka 20 hamwe n’umurwi wa Musongati FC w’i Gitega, Irakoze Saidi batazira « Desailly » yasinye amasezerano y’imyama ibiri yo gukinira umurwi wa Rayon Sports batazira « Gikundiro ». Irakoze Saidi yarangije ihiganwa rya Primus Ligue Burundi ryo mumwaka w’inkino uheze  afise ikibanza ca kabiri c’abatsinze ibitsindo vyinshi, ibitsindo 19. …

Read More »
- Sponsored Advertisement -