Amakungu

#Burundi #JMTUpDates: Umukinyi Jospin NSHIMIRIMANA wa Aigle Noir CS Niwe Ari Kw’Isonga ry’Ibitsindo Uno Musi muri Bangabandhu Gold Cup.

Umugwi Aigle Noir Club Sportif wo mu Ntara ya Makamba, usanzwe ukina mu Cicaro ca Mbere mw’Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Burundi « FFB » niwo waserukiye igihugu c’Uburundi mw’Ihiganwa Mpuzamakungu ry’Umupira w’Amaguru ryo mu gihugu ca Bangladesh ririko rirabera mu gisagara ca Dhaka kuva kw’igenekerezo rya 12 gushika 15 Nzero 2020. Uno musi …

Read More »

Europe Football: Inkuru zitandukanye ziriko ziravurwa ku bakinyi no ku mirwi itandukanye.

Hari inkuru nyishi ziriko ziravurwa ku mugabane wa bulaya, haba ku bakinyi haba ku mirwi zo kuri uyu wa mbere izo nkuru akaba ari izi zikurikira: -Cristiano Ronaldo yarahawe umwambaro wanditsweko igiharuro 700 gisigura ibitsindo aherutse gukwiza kuva agitangura gukina umupira w’amaguru. Cristiano Ronaldo. Copyright -Gabriel Jesus ubusatirizi wa Manchester …

Read More »

FC Barcelona : Messi arashobora kuzosiba murukino rwa Inter de Milan ?

Lionnel Messi kizigenza wa FC Barcelone aherutse gusubirizwa mugice ca mbere na Osmane Dembele murukino Barcelona iherutse gutsinda Villarreal (2-1) biturutse k’umvune. Itangazo rya FC Barcelona rivugako   kizigenza wabo afise imvune yo kukuguru kw’ibubamfu ariko muriryo tangazo Barcelone ntiyamenyesheje ikiringo azomara ari hanze y’ikibuga. Ikinyamakuru L’Equipe ca bafaransa kimenyesha ko …

Read More »

Real Madrid: Vinicius Jr yasiguye igituma yarize igihe yinjije igitsindo.

Mu rukino Real Madrid yaraye itsinze umurwi wa Osasuna ku kibuga ca Santiago Bernabeu (2-0) igitsindo ca mbere ca Real Madrid cijijwe na Vinicius Jr ku munota wa 36’ uyo munya Brésil yaciye akorora amosozi mugihe tumenyereye ko iyo umukinyi atsinze igitsindo abiryohererwa. Inyuma y’urukino mukiganiro n’abamenyeshamakuru Vinicius yasiguye icatumye …

Read More »

#FIFA #TheBest2019 : Ehe abakinyi batatu Cristiano Ronaldo canke Lionel Messi bari batoye.

Kuri uyu wa mbere mu masaha y’ijoro mu gisagara ca Milan mugihugu c’Ubutariyano niho hatangiwe ubushimwe bw’abakinyi bigenjeje neza gusumba abandi mu mwaka 2019 FIFA The Best, Lionel Messi umusatirizi wa FC Barcelona niwe yaraye agatahukanye ako gashimwe asumbije Cristiano Ronaldo na Virgil Van Dijk. Naho Lionel Messi yaraye atowe …

Read More »

#ParisSaintGermain : Ikigo ca Camp des Loges caribwe urukomba mazi !

Ikigo co kwimenyerezamwo c’umurwi wa Paris Saint Germain wo mugihugu c’ubufaransa caribwe ibikoresho bitandukanye harimwo imyambaro y’abakinyi hamwe n’ibindi bikoresho nkuko Iradiyo France Bleu kibivuga. Ico kigo ca Camp des Loges gitumbereye i Saint Germain-en-Laye mu gisagara ca Paris bivurwa ko umusuma canke abasuma barivye hari mw’ijoro ryo kuri uyu …

Read More »

#ManchesterCity: Bernardo Silva arakekwa kuvuga amajambo yivangura rukoba kuri Benjamin Mendy.

Umusatirizi wo kuruhande wa Manchester City umunya Portugal Bernardo Silva ngo agiye kugurirwa amatohoza n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mugihugu c’Ubwongereza FA biturutse kumajambo aherutse kwandika kurubuga rwiwe rwa Twitter akekwa ko yoba ari amajambo yivangura rukoba atyoza mugenziwe basanzwe bakinana muri Manchester City Benjamin Mendy. Silva akaba yarafashe ifoto iriko  …

Read More »

#RealMadrid: Ehe umurwi Zinedine Zidane yahaye amahirwe yogutahuka Champions League.

Inyuma yaho umurwi wiwe utsindiwe na Paris Saint-Germain (3-0) kuri uyu wa gatatu mu rukino rwa mbere rw’inkino za Champions League, Zinedine Zidane umumenyereza wa Real Madrid yarabajijwe kubijanye n’amahirwe uyo murwi wo mugihugu c’Ubufaransa ufise ko ushobora gutahukana ico gikombe. Zinedine zidane ati : « Nimba ko PSG ushobora gutahukana C1 ? …

Read More »

#ClassementFIFA : Uburundi bwungutse ibibanza bine mu kwezi kwa nyandagaro, Ububirigi mu kibanza ca mbere.

Uko ukwezi guheze niko ishirahamwe ry’umupira wa maguru kw’isi FIFA ryama risohora uko ibihugu birushanya amanota kurwego rw’isi yose aho Uburundi bwahora mukibanza 148 mu kwezi kwa mukakaro ariko muri kuno kwezi bukaba bwungutse ibibanza bishika kuri bine vyose aho ubu bubarizwa mu kibanza 144. Intamba Murugamba. Ugerageje kuraba ibindi …

Read More »

#ChampionsLeague #RealMadrid: Zinedine Zidane ngo PSG yarabaririye hagati!

Inyuma yaho Real Madrid umaramajwe n’umurwi wa Paris Saint-Germain hariya ku kibuga ca Parc des Princes mu rukino rw’indwi ya mbere Champions League mugutsindwa (3-0), Zinedine Zidane aremera ko umurwi wiwe utitwaye neza muri urwo rukino. Zizou ati: « Tugize ijoro ribi kabisa. Twatanguye gukina neza ariko twabuze inguvu. Twariwe hagati …

Read More »

#Dortmund: Achraf Hakimi ngo aracarota igaruka ryiwe muri Real Madrid.

Umunya Maroc yatijijwe n’umurwi wiwe wa Real Madrid ikiringo c’imyaka ibiri mu murwi wa Dortmund ngo aracatora kugaruka mu murwi wa Real Madrid nkuko yabibwiye ikinyamakuru Marca. Achraf ati: « Nama nkurikirana inkino zose za Real Madrid, ndakunda gukurikira umupira wo mugihugu ca Espagne.  Narabivuze ko igihe icarico cose  Real Madrid …

Read More »

#ChamipionsLeague#FCBarcelone: VAR ngo yoba idakora kuri Barca!

Ngo naho Marc-André Ter Stegen yerekanye urugero rwiza muguhagarika imipira itandukanye ndetse harimwo na penalty ya Marco Reus murukino rwo ku munsi w’ejo hagati ya Dortmund na FC Barcelone (0-0) murukino rwa Champions League ariko ngo irya penalty ngo yari gusubirwamwo kuko ngo Ter Steven yari yarenze umurongo imbere yaho …

Read More »

#RealMadrid: Ubusatirizi bushasha ngo bwitwa BBH.

Mu kiganiro n’abamenyesha makuru imbere yaho umurwi wiwe wa Real Madrid uzagutana mu mitwe na Paris Saint-Germain kuri uyu wa gatatu igihe c’isaha 21h00 mu masaha yo mu Burundi, Zinedine Zidane hari umumenyanyamakuru yamutwengeje aho yariko aramubaza abasatirizi ashobora gutanguza mukibuga aho uyo mumenyeshamakuru yadukanye imvungo ngo twitege ubusatirizi bwa …

Read More »

#Burundi #Égypte : Fiston Abdoul Razaq yasinye muri ENPPI wo muri Misiri.

Umusatirizi w’Intamba Murugamba  Fiston  Abdoul Razaq yahora akinira umurwi wa JS Kabylie wo  mugihugu  ca Algeria yahavuye awuvuyemwo ubu  akaba yimukiye mu murwi wa ENPPI Sporting Club usanzwe ukina icicaro ca mbere mugihugu ca Misiri mw’ihiganwa rya Egypt Premier  League nkuko ikinyamakuru Viwanjani Leo TZ kivyandika. Fiston  Abdoul Razaq yasinye …

Read More »

#FCBarcelona #Football: Leo Messi arashobora kuva muri Barcelona mu mpera z’umwaka w’inkino. Piqué aravyemeza.

Ikinyamakuru El Pais canyeguruye yuko Leo Messi yari kuva muri FC Barcelona kubuntu akimukira muwundi murwi uyu mwaka w’inkino wa 2019-2020, ngo ntaho agifitaniye amasezerano na Barca gushika 2021. copyright to Independent Igituma ngo nuko Messi afise uburenganzira bwihariye bwo kuva muri FC Barcelona igihe cose avyifurije ndetse n’abakinyi bagenziwe …

Read More »
- Sponsored Advertisement -