Umutekano

# Burundi#Umutekano# Igipolisi c’u Burundi Cerekanye Abasuma 3 Baheruka kwiba umupfasoni w Umurundikazi.

Igipolisi c’uburundi cerekanye kuri uyu wa kabiri abantu batatu bivugwa ko ari abasuma bafashwe mu ntango z’ukwezi kwa gatandatu bahejeje kwiba umukenyezi yaragiye kurema isoko mu gihugu ca Tanzania. Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano MOISE NKURUNZIZA avuga ko bafashwe mu mishamirano yabaye hagati y’uwo murwi n’abajejwe umutekano aho hapfuye batatu muri …

Read More »

#Burundi: Amafaranga Angana N’Ibihumbi Mirongo Ibiri Vy’Ama Dolari Y’Abany’America Niyo Yibwe Umuhindi Akorera Ishirihamwe Millenium Infosys.

Amafaranga angana n’ibihumbi mirongo ibiri vy’ama dolari yabany’america niyo yibwe ku musi wa gatandatu hari kw’igenekerezo rya gatandatu ukwezi ka kane. Bivugwa na Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hari kuri uno wa mbere aho yabishikiriza. Pierre NKURIKIYE avuga ko ayo mafaranga yibwe umuhindi akorera ishirihamwe millenium infosys. Abayivye akaba ari …

Read More »

#Burundi: Ubushikiranganji Bw’Umutekano Buramenyesha Ko Bugiye Guhangana n’Abantu Bakora Urudandazwa Rw’Abantu.

Ubushikiranganji bw’umutekano buramenyesha ko bugiye guhangana n’abantu bakora urudandazwa rw’abantu mu ntumbero yo gutuza iyo ngeso igayitse mu gihugu c’u Burundi. Pierre NKURIKIYE avugira ubwo bushikarnaganji akaba yabishikirije kuri uyu wa gatatu mu kiganiro n’abamenyesha makuru inyuma yaho hamenyekanye yuko hari ivuriro rikorana n’abakora urudandazwa rw’abantu mu gisagara ca Bujumbura. …

Read More »

#Burundi: Bujumbura, Abanyamahanga Babiri Barafashwe Ku Kibuga C’Indege Ca Bujumbura, Bafise Ibiro Bitatu vy’Ikiyayura Mutwe Co Mu Bwoko Bwa Héroïne.

Ibiro bitatu vy’ikiyayura mutwe co mu bwoko bwa héroïne nivyo yafatanywe abanyamahanga babiri bo mu bihugu vya Brésil na Lettonie bizanywe mu Burundi kw’igenekerezo rya 20 z’uku kwezi kwa gatatu ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Umuvugizi wo mu bushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE akamenyesha yuko ivyo biyayura mutwe bita heroine vyafashwe, …

Read More »

#Burundi: Ubugenduzi Bukuru Bw’Igipolisi Burabujije Abapolisi Kuja Mu Bu Nywero Bafise Ibikoresho Vy’Akazi Canke Bambaye Impuzu Zibaranga.

  Mw’ikete ryarungikiwe aba comissaires bakuru  bose, abarongoye ibiro vy’igipolisi hamwe naba commissaire batwara uburere, umugenduzi w’igipolisi abuza abo ba polisi kandi ko boja mu karuhuko bitwaje ivyo bikoresho vy’akazi. Muri urwo rwandiko ubutumwa burimwo bwitiriwe ″Ingingo ngenderwako zijanye n’umutekano″, ubugenduzi bukuru bw’igipolisi bwafashe ingingo zitandukanye. Muri izo ngingo harimwo …

Read More »

#Burundi: Kayanza, Umuriro Wariyadukije Mu Biro Vya Lumitel Kayanza Mw’ijoro Ryo Kuri Uyu Wa Kabiri.

Umuriro waradutse mu nzu y’ibiro vy’ishirahamwe Lumitel mu ntara ya Kayanza ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri hafi isaha imwe y’ijoro. Inkuru ziva mu kayanza zivuga ko ata gikoresho na kimwe casigaye muri ivyo biro vya Lumitel. Ngo umuriro wagiye kuzima imodoka yagenewe ico gikorwa ivuye mu ntara ya …

Read More »

#Burundi: Igipolisi Kijejwe Uruja n’Uruza Rwo Mw’Ibarabara Kiragabisha Abatwara Imiduga k’Umuvuduko Munini.

Mu kiganiro n’abunguruza abantu n’ibintu bahurikiye mu mashirahamwe atandukanye kuri uyu wa kane, Roger BANKIBIRWIRA arongoye PSR yamenyesheje yuko muri iki gihe turiko turarangiza umwaka abantu bakunda kugira umuvuduko urenze kugira banyarutse bagire ama turu menshi yo gutwara abantu n’ibintu kugira bunguke menshi. Roger aragabisha ko ico kintu bazogihana kuko …

Read More »

#Burundi: I Bujumbura, Isekeza Ry’imisi 60 Ryo Kurwanya Inzoga Zitemewe n’Amategeko.

ku muhingamo wo kuri uyu wa 5 mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura, mw’isekeza ry’imisi 60 ryo kurwanya inzoga zitemewe, igitoro ca magendo, abigana imikono co kimwe n’abakenyezi badanza umubiri, umuboyobozi  bw’igisagara ca Bujumbura bwarafashe ama ritiro 700 y’inzoga atemewe n’amategeko. Umukuru w’igisagra ca Bujumbura, Freddy NIMBONA  avuga ko  iryo …

Read More »
- Sponsored Advertisement -