Ubutunzi

#Burundi: Ikibanza Cagenewe Ingenzi SAGA PLAGE Cuguruwe Ku Mugaragaro N’Ikigo OBR.

Mu gihe komiseri mukuru w’ikigo gitoza amakori ya leta OBR Audace NIYONZIMA yariko arugurura ico kibanza, yamanje kumenyesha imvo zari zatumye cugagwa. Aho naho hari muri munyonyo umwaka w’2017. Ngo ico kibanza cari cugawe kubera cari cagurishijwe hatarishwe amakori nkuko bitegekanijwe n’amategeko. Nkuko komisere  mukuru w’ikigo OBR abandanya abimenyesha, ngo …

Read More »

#Burundi: Ishirahamwe Mpuzamakungu Rijejwe Gutoza Amakori Rimenyesha Yuko Ryiteguye Gukorana na OBR.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutoza amakori rimenyesha ko ryiteguye gukorana n’ikigo gitoza amakori mu burundi OBR mu ntumbero yo gufasha uko ico kigo gisanzwe gikora. Ivyo vyashikirijwe na kunio MIRUKIYA umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutoza amakori. Hari kuri uyu wa kabiri mu gihe yarahejeje kwakirwa m’umubonano n’umushikirtnanganji w’ubutunzi. kunio MIRUKIYA …

Read More »

#Burundi: Ngo Igituma Abanyagihugu Badasaba ku Bwinshi Ingurane mu ma Banki ngo n’Uko Asaba Inyungu z’Umurengera.

Ngo abanyagihugu ntibasaba ku bwinshi ingurane mu ma banki kubera asaba inyungu z’umurengera. Ivyo bamwe mu barongoye intara bakaba babishikirije kuri uyu wa mbere mu ruganda rwatunganijwe n’urunani rw’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana » RIM ». Buramatari w’intara ya Rumonge Juvénal BIGIRIMANA ari muri urwo ruganda ashikiriza yuko abo arongoye bavuga ko …

Read More »

#Burundi: Bujumbura, Ibanki Nkuru y’Igihugu Yarafashe Ingingo Itariki 17 Kigarama Yo Kwugara Amashirahamwe Ane Yo Kuziganya No Kuguranana.

Ibanki nkuru y’igihugu yarafashe ingingo itariki 17 za kuno kwezi yo kwugara amashirahamwe ane yo kuziganya no kuguranana ″microfinance″ mu rurimi rw’igifaransa. Iyo ngingo yafashwe hisunzwe cane cane ingingo ya 99 igenga ibikorwa vy’amashirahamwe mwe nayo. Ayo mashirahamwe nayo akaba  ari TPO UMVA Microfinance, Microfinance ITEKA, Microfinace CFCAM DUSHIGIKIRANE hamwe …

Read More »

#Burundi:Isoko Ry’imitahe Riherutse Kwemezwa n’Inama Nshingamateka Ngo Ntirije Gusubirira Ama Banki

Isoko ry’imitahe riherutse kwemezwa n’Inama Nshingamateka ngo ntirije gusubirira ama banki mu Burundi ahubwo ama banki azokwunganira iryo soko. Ivyo bivugwa na Arsène MUGENZI ajejwe gucungera isoko ry’imitahe mw’ibanki nkuru y’igihugu. Hakaba hari m’umubonano iyo banki  BRB yagiriraniye n’abamenyesha makuru basanzwe bitaho ibibazo vy’ubutunzi kuri uyu wa mbere. Arsène MUGENZI …

Read More »

Igiciro c’Ikawa Yumye Bita « WASHED » Gishizwe ku Mafaranga 1600 Ku kiro Ahabwa Umurimyi Yose ata kivuyeko.

Igiciro c’ikawa yumye bita « WASHED » gishizwe ku mafaranga 1600 ku kiro ahabwa umurimyi yose ata kivuyeko, hisunzwe igiciro kw’isoko mpuzamakungu ya New York hamwe n’ubundi buryo bukenerwa mu kuyihingura kugeza ishoke hanze. Ivyo bikamenyeshwa n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ARFIC mu kiganiro ku ba menyeshamakuru kuri uyu wa kane. Emmanuel NIYUNGEKO yashikirije …

Read More »

Iyugururwa Icetse Kuri Uno Wa Kane ry’Ihayanishwa Gurisha ry Ibidandazwa Bihingurirwa mu Burundi

Ngo abarundi barakwiye guhindura ivyiyumviro bagahingura bakongera bagakoresha ibintu vyakorewe mu Burundi kurusha ivyavuye mu mahanga. Iyo niyo mpanuro icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yahaye abarundi aho hugururwa icetse kuri uno wa kane ku kibuga tempête ihayanishwa gurisha ry’ibidandazwa bihingurirwa mu burundi. Joseph BUTORE abonako aribwo buryo bwo guteza imbere …

Read More »

Ingorane Zijanye n’Ibikoresho Vyo Kwubaka Utuzu tw’Idandarizo Nivyo Vyatumye Isango Ryari Ryatanzwa Ryo Kwinjira Amasoko Mashasha Rihinduka.

Ingorane zijanye n’ibikoresho vyo kwubaka utuzu tw’idandarizo hama n’abadandaza batariha amahera yo kugura ivyo bikoresho ngo nivyo vyatumye isango ryari ryatanzwa ryo kwinjira amasoko mashasha rihinduka. Ivyo vyavuzwe na Ramadhan NKURIKIYE arongoye umugwi ujejwe amasoko mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa mbere. Akaba yabivugiye mu nama yagiraniye n’abandadanza bo …

Read More »

Ihayanishwa Ry’ibidandanzwa Bihungurirwa Mu Burundi n’Ibihingurirwa Mu Bihugu Bigize Akarere Ry’imisi Itatu Ryatanguye Kuri Uyu Wa Kane Kwi Hotel Club Du Lac Tanganyika

Ihayanishwa ry’ibidandanzwa bihungurirwa mu Burundi  n’ibihingurirwa mu bihugu bigize akarere ry’imisi itatu ryatanguye kuri uyu wa kane  kwi hotel Club du Lac Tanganyika mu gisagara ca Bujumbura. Uko bishikirizwa n’uwurongoye ishirahamwe ryabafise amahinguriro mu burundi olivier SUGURU ngo iryo hayanishwa ni akaryo kadasanzwe ku bafise amahinguriro mu Burundi ko kumenyekanisha …

Read More »

Amasoko 4 Mu Masoko 7 Yasubiwemwo Mu Gisagara Ca Bujumbura Azokugururwa kuwa 30 Rusama Uno Mwaka

Amasoko 4 mu masoko 7 yasubiwemwo  mu gisagara ca bujumbura azokugururwa kuwa 30 Rusama uno mwaka. Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryasohowe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA. Muri iryo tangazo amenyesha yuko ayo masoko ane agiye kwugururwa ubwa mbere imiryamgo yayo kw’igenekerezo rya 30 ukwezi kwa Rusama ni isoko rya …

Read More »

Abashingamateka Bemeje Integuro y’Itegeko Rigenga Amasezerano Yuko u Burundi Bwokwinjira mw’ibanki Nyafrica y’Urudandazwa Rwinjira N’urusohoka AFREXIM BANK

Inama Nshingamateka yemeje kuri uyu wa kane integuro y’itegeko rigenga amasezerano yuko u Burundi bwokwinjira mw’ibanki nyafrica y’urudandazwa rwinjira n’urusohoka AFREXIM BANK. Nkuko umushikiranganji w’ikigega ca leta Domitien NDIHOKUBWAYO yabishikirije ngo  iyo banki izogirira akamaro kanini u Burundi mubijanye n’ubutunzi. Umushikiranganji w’ikigega ca leta  Domitien NDIHOKUBWAYO yasiguriye abashingamateka akarusho u …

Read More »
- Sponsored Advertisement -