Tag Archives: burundi

#Burundi #Football: Urutonde rwa Vital’O FC rugiye kwerekeza muri Tanzania gutana mu mitwe na Simba SC.

Umurwi wa Simba SC wo mugihugu ca Tanzania waratumiye umurwi wa Vital’O FC mu birori vyawo bise « Simba Day », muntumbero yo kuzotana mu mitwe mu rukino rwakivandimwe rutegekanijwe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22 myandagaro 2020.  Urwo rukino, rukazobera ku kibuga citiriwe Mkapa mu gisagara ca Dar-Es Salam, rukazokinwa …

Read More »

#Burundi #JMTUpDates: Umukinyi Jospin NSHIMIRIMANA wa Aigle Noir CS Niwe Ari Kw’Isonga ry’Ibitsindo Uno Musi muri Bangabandhu Gold Cup.

Umugwi Aigle Noir Club Sportif wo mu Ntara ya Makamba, usanzwe ukina mu Cicaro ca Mbere mw’Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Burundi « FFB » niwo waserukiye igihugu c’Uburundi mw’Ihiganwa Mpuzamakungu ry’Umupira w’Amaguru ryo mu gihugu ca Bangladesh ririko rirabera mu gisagara ca Dhaka kuva kw’igenekerezo rya 12 gushika 15 Nzero 2020. Uno musi …

Read More »

Burundi Football: inkino z’indwi ya mbere uko zagenze kuruhande rw’abigeme.

Ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri kuruhande rw’abigeme ryaratanguye kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 gitugutu 2019 aho mundwi ya mbere umurwi wagaragaye cane ari Etoile De L’est wo mu ntara ya Ruyigi wagiye kunyagira Les Envoyées EF wo mu ntara ya Cibitoke (0-15). uku niko iyindi mirwi yatsindanye : Arena …

Read More »

#Burundi #Football: Amakuru avurwa kubamenyereza ba Primus Ligue.

Uwatanguye gutanga imihoho hakiri kare n’umumenyereza Eric Manirakiza batazira « Mubaya » yahora amenyereza umurwi wa Ngozi City, uyu we yatanze imihoho mundwi igira 5 ya Primus Ligue inyuma yaho uyo murwi ukiniye inkino zishika kuri zine utariko uraronka amanota. Eric Manirakiza bivurwako yoba ubu ari muri RD Congo mu murwi wa …

Read More »

#Burundi #CHAN2020: Intamba mu Rugamba uhejeje kumaramazwa na Uganda Cranes imuhira.

Umurwi  nserukiragihugu Intamba mu Rugamba uhejeje kumaramarizwa muhira n’umurwi nserukiragihugu wa Uganda (The Cranes)  ibitsindo (0-3) Mu rukino rwanyuma rwokurondera itike z’ingikombe ca CHAN 2020 zizobera mugihugu ca Cameroun. Uganda yagiye kuruhuka igice ca mbere ifise igitsindo (1-0) cinjijwe na Viane SSEKAJUGO. Igice ca kabiri Abagande baraza kandi  bazikenyereye cane …

Read More »

#Burundi #FFB: Abari bipfuje ikomborwa rya Mutombora ntirikibaye!

Inyuma yaho Intamba mu Rugamba zisezerewe n’umurwi nserukiragihugu wa Tanzania Taïfa Stars muri za nkino zokurondera itike yo kuja  mugikombe c’isi yose abatari bake bari bipfuje ikomborwa ry’umumenyereza mukuru w’Intamba Murugamba Alain Olivier Niyungeko batazira « Mutombora » ntirikibaye ahubwo ko yongerejwe abantu bazobandanya bafashanya muri staff yiwe  nkuko uwurongoye FFB yabishikirije …

Read More »

#Burundi #FFB: Intamba Mu Rugamba muri CHAN zigiye kumenyerezwa n’Abamenyereza batatu.

Abamenyereza batatu basanzwe bafise urupapuro rw’umutsindo A rutangwa n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF: Joslin Bipfubusa (Aigle Noir), Jimmy Ndayizeye (Messager Ngozi FC) hamwe na Omar Ntakagero (Buja City) nibo bahawe ayo mabanga yokumenyereza izo Ntamba nkuko vyamenyeshejwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, FFB hari kuri uyu …

Read More »

#Burundi #Égypte : Fiston Abdoul Razaq yasinye muri ENPPI wo muri Misiri.

Umusatirizi w’Intamba Murugamba  Fiston  Abdoul Razaq yahora akinira umurwi wa JS Kabylie wo  mugihugu  ca Algeria yahavuye awuvuyemwo ubu  akaba yimukiye mu murwi wa ENPPI Sporting Club usanzwe ukina icicaro ca mbere mugihugu ca Misiri mw’ihiganwa rya Egypt Premier  League nkuko ikinyamakuru Viwanjani Leo TZ kivyandika. Fiston  Abdoul Razaq yasinye …

Read More »

#Burundi #PrimusLigue: Messager Ngozi FC vs Vital’O FC, Inter Star vs Aigle Noir zimwe mu nkino zitegekanijwe mundwi ya gatandatu.

Indwi ya 6 ya Primus League Burundi iraza gutangura uno munsi aho hategekanijwe inkino zishika kuri 2 kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 13/09/2019 Stade Intwari : 13h00 : Les Lierres vs Bumamuru 16h00 : Atletico Academy vs Kayanza United 14/09/2019 Stade Urukundo : 15h00 : Messager Ngozi vs Vital’o …

Read More »

#Burundi #Football: Iddy Museremu abaye uwambere aronse ibitsindo bitatu.

Murukino umurwi wa Messager Ngozi FC wanyagiye Les Lierres FC ibitsindo (6-0), umusatirizi wayo wo kuruhande Iddy Museremu yinjije ibitsindo bitatu (3) wenyene murivyo bitsindo (6). Iddy Museremu ku kibuga Urukundo i Ngozi. Iddy Museremu aciye aba umukinyi wa mbere atsinze ibitsindo bitatu muri uno mwaka w’inkino 2019-2020. Mu mwaka …

Read More »

#Burundi #Football: Amazina y’Abamenyereza b’Imirwi ikina Primus Ligue.

Imirwi isanzwe ikina icicaro ca mbere arico Primus League Burundi ni 16 ikaba imenyerezwa na bamenyereza bitandukanye nabo bonyene bakaba ni 16, batandatu (6) muribo basanzwe bafise impapuro z’umutsindo zo kurwego rwa Afrika (Licence A) zitangwa n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF abo nabo naba bakurikira: Joslin Bipfubusa amenyereza …

Read More »

#Burundi #PrimusLigue: Musongati FC vs Inter Star, LLB vs Vital’O FC ni zimwe mu nkino zindwi igira gatanu.

Mumpera zino ndwi ihiganwa rya Primus League Burundi rizobanda aho rizoba rigeze mundwi yaryo igira gatanu. Inkino zitegekanijwe, umunsi, amasaha hanwe n’ikibuga zizoberako nazo nizi zikurikira: Igenekerezo ry’7 Nyakanga 2019. 15H00 Ingoma: Flambeau Du Centre vs Athetico Academic. 15H00 Umuco: Olympic Star vs Ngozi City. 15H00 Urukundo: Messager Ngozi FC …

Read More »

#Burundi #Football: Rukinzo FC ikoze remontada hari abayemereye ubushimwe.

Inyuma yo gutsindwa ibitsindo (5-0) n’umurwi wa Triangle FC wo mugihugu ca Zimbabwe murukino rwa mbere rwa coupe de la confédération, umurwi wa Rukinzo FC niwaramuka ukoreye remontada Triangle FC murukino rwo gusubiriza ruzokinwa kuri uyu wa gatandatu ku kibuga Intwari wemerewe amafaranga numuworongoye umurwi wa Messager Ngozi hamwe n’umumenyeshamakuru …

Read More »

#Burundi: Abarongoye Intwaro Mu Gisagara Ca Bujumbura Bahamagarirwa Korohereza Abarongoye Imigambwe.

Nkuko vyamenyeshejwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA, abajejwe intwaro mu gisagara basabwa korohereza abarongoye imigambwe mubikorwa vyabo kandi bongere bicishe bugufi. Freddy Mbonimpa akaba yateye ako kamo mu nama yakoranye irimwo abajejwe intwaro hamwe n’imigambwe itandukanye  mugisagara ca Bujumbura, hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Myandagaro umwaka …

Read More »

#Burundi #Football: Inyuma yokurya amafaranga y’imirwi ntibariko baroroherwa gukina Primus League.

Ihiganwa rya Primus League 2019-2020 riza ryaramaze gutangura aho inkino zibiri arizo zimaze gukinwa ku mirwi imwimwe ariko igitangaje nuko Amissi Hemed batazira « Kandolo », Chris Ndikumana hamwe na Ndizeye Thomson Seif batarakina urukino na rumwe mu mirwi baguzwemwo bivanye nuko bagirizwa kurya amafaranga y’imirwi itandukanye. Amissi Hemedi Kandolo. Amissi Hemedi …

Read More »
- Sponsored Advertisement -